YouVersion Logo
Search Icon

Abaroma 6

6
Abapfuye ku vyaha ntidukwiye kubigumamwo
1 # Rom 3:5-8. Nuko tuvuge iki? Mbega twame dukora ivyaha kugira ng’ubuntu bg’Imana bugwire? 2#1 Pet 4:1.Biragahera. Twebge twapfuye ku caha, twoba tukikibamwo dute? 3#Gal 3:27.Canke ntimuzi yuko twese abābatirijwe kuba muri Kristo Yesu, twabatirijwe kuba mu rupfu rwiwe? 4#1 Pet 3:21; Kol 2:12.None rero kubatizwa kwatumye duhambanwa na we tuba mu rupfu rwiwe, kugira ngo, nk’uko Kristo yazuwe mu bapfuye n’ubgiza bga Data wa twese, abe ari ko natwe tugendana ubugingo busha.
5 # Flp 3:10, 11. Ko twakoranijwe na we n’igishushanyo c’urupfu rwiwe, tuzokoranywa na we n’ic’ ukuzuka kwiwe na co. 6#Gal 5:24.Kandi tumenye iki, yuk’ umuntu wacu wa kera yabambanywe na we, kugira ng’umubiri w’icaha uhindurwe ubusa, ntitwame tujakariye icaha: 7#1 Pet 4:1.kuk’ uwapfuye aba atsindanishirijwe icaha. 8Ariko bisanzwe twapfanye na Kristo, twizera yuko tuzobanaho na we; 9kuko tuzi yuko Kristo, amaze kuzuka mu bapfuye, atagipfa, urupfu rutakimuganza. 10#Heb 9:26-28; Gal 2:19; 1 Pet 3:18.Ukwo gupfa yapfuye, ni ho yapfuye rimwe ku caha; ariko kw ariho, ariho ar’ uw’ Imana. 11#2 Kor 5:15; 1 Pet 2:24.Abe ari ko namwe mwiyumvira ko mwāpfuye ku caha, ariko ko muriho mur’ ab’ Imana, muri muri Kristo Yesu.
12 # Ita 4:7. None rer’ icaha ntikikabe ku ngoma mu mibiri yanyu izopfa, ngo mwumvire ivyo yifuza. 13#Rom 12:1; Ef 2:5; 5:14.Kandi ntimugahe icaha imibiri yanyu ngw ikoreshwe n’ukugabitanya; ariko mwishikanire Imana nk’abazuke bavuye mu bapfuye, n’imibiri yanyu muyihe Imana kugira ngw ikoreshwe no kugororoka. 14#1 Yoh 3:6.Icaha ntikizobaganza, kuko mutaganzwa n’ivyagezwe, ariko muganzwa n’ubuntu.
Twacunguwe ngo ntituganzwe n’icaha
15 # Rom 5:17, 21. Nuko tugire dute? Mbega dukore ivyaha, kuko tutaganzwa n’ivyagezwe, ariko tuganzwa n’ubuntu? Biragahera. 16#Yoh 8:34; 2 Pet 2:19.Ntimuzi yuko shobuja mwihaye kuba abagurano bo kumwumvira, mur’ abagurano b’uwo mwumvira uwo? Namba mur’ abagurano b’icaha kizana urupfu, cank’ abo kwumvira Imana kuzana ukugororoka. 17Arikw Imana ishimwe yuko naho mwar’ abagurano b’icaha, mwumviye mu mitima uburyo bgo kwigishwa mwahawe: 18#Yoh 8:32.kandi mwacunguwe ngo ntimuganzwe n’icaha, mujakarira ukugororoka. 19Mbivuze nk’imvugo y’abantu, kubg’ intege nke z’imibiri yanyu. Nk’uko mwaha imibiri yanyu ibiteye isoni n’umugararizo, kuba abagurano bavyo, bigatuma muba abagarariji, abe ari ko na none muha ukugororoka imibiri yanyu, kuba abagurano bakwo, kugira ngo mwezwe.
20Mukir’ abagurano b’icaha, ntimwaganzwa n’ukugororoka. 21#Ezk 16:61, 63; Rom 8:6, 13.None rer’ ico gihe mwari n’imbuto ki mu bibamāramāza ubu? Kukw amaherezo yavyo ar’ urupfu. 22#1 Pet 1:9.Ariko noneho, ko mwacunguwe ngo ntimuganzwe n’icaha, mukajakarira Imana, mufise imbuto zanyu zizana ukwezwa, kand’ amaherezo n’ubugingo budashira. 23#Rom 5:12.Ingero y’icaha n’urupfu; arikw ingabire y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.

Currently Selected:

Abaroma 6: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in