1
Abaroma 6:23
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Ingero y’icaha n’urupfu; arikw ingabire y’Imana n’ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.
Compare
Explore Abaroma 6:23
2
Abaroma 6:14
Icaha ntikizobaganza, kuko mutaganzwa n’ivyagezwe, ariko muganzwa n’ubuntu.
Explore Abaroma 6:14
3
Abaroma 6:4
None rero kubatizwa kwatumye duhambanwa na we tuba mu rupfu rwiwe, kugira ngo, nk’uko Kristo yazuwe mu bapfuye n’ubgiza bga Data wa twese, abe ari ko natwe tugendana ubugingo busha.
Explore Abaroma 6:4
4
Abaroma 6:13
Kandi ntimugahe icaha imibiri yanyu ngw ikoreshwe n’ukugabitanya; ariko mwishikanire Imana nk’abazuke bavuye mu bapfuye, n’imibiri yanyu muyihe Imana kugira ngw ikoreshwe no kugororoka.
Explore Abaroma 6:13
5
Abaroma 6:6
Kandi tumenye iki, yuk’ umuntu wacu wa kera yabambanywe na we, kugira ng’umubiri w’icaha uhindurwe ubusa, ntitwame tujakariye icaha
Explore Abaroma 6:6
6
Abaroma 6:11
Abe ari ko namwe mwiyumvira ko mwāpfuye ku caha, ariko ko muriho mur’ ab’ Imana, muri muri Kristo Yesu.
Explore Abaroma 6:11
7
Abaroma 6:1-2
Nuko tuvuge iki? Mbega twame dukora ivyaha kugira ng’ubuntu bg’Imana bugwire? Biragahera. Twebge twapfuye ku caha, twoba tukikibamwo dute?
Explore Abaroma 6:1-2
8
Abaroma 6:16
Ntimuzi yuko shobuja mwihaye kuba abagurano bo kumwumvira, mur’ abagurano b’uwo mwumvira uwo? Namba mur’ abagurano b’icaha kizana urupfu, cank’ abo kwumvira Imana kuzana ukugororoka.
Explore Abaroma 6:16
9
Abaroma 6:17-18
Arikw Imana ishimwe yuko naho mwar’ abagurano b’icaha, mwumviye mu mitima uburyo bgo kwigishwa mwahawe: kandi mwacunguwe ngo ntimuganzwe n’icaha, mujakarira ukugororoka.
Explore Abaroma 6:17-18
Home
Bible
Plans
Videos