Abaroma 5
5
Ibiva mu kwizera
1 #
Rom 3:24, 28; 4:24; Yes 53:5. None rero, ko twatsindanishirijwe no kwizera, dufise amahoro ku Mana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, 2#Ef 3:12; Rom 3:23.yadushikanishije ukwizera mur’ ubu buntu duhagazemwo, kandi tunezerezwa no kwizigira kuzobona ubgiza bg’Imana. 3#Yak 1:2, 3; 1 Pet 1:5-7.Kandi si vyo vyonyene, ariko kandi tunezererwe n’amarushwa yacu, kuko tuzi yukw amarushwa atera ukwihangana; 4kand’ ukwihangana kugatera kudatsindwa no kugeragezwa; kudatsindwa no kugeragezwa kugatera kwizigira ibitaraba; 5#Zab 22:5; 25:20; Heb 6:18, 19.ukwo kwizigira ntigutētereza, kuk’ urukundo rw’Imana rwasutswe hose mu mitima yacu na Mpwemu Yera twāhawe.
Urukundo rw’Imana ruserurwa n’urupfu rwa Kristo
6Tugifise intege nke, mu gihe gikwiye Kristo yapfiriye abatubaha Imana. 7Kw ar’ ibigoye k’umuntu apfira umugororotsi, umunyangeso nziza kumbure umuntu yotinyuka kumupfira: 8#Yoh 3:16; 1 Yoh 4:10.arikw Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’ abanyavyaha. 9#Rom 1:18; 2:5, 8.Nuko none tumaze gutsindanishirizwa n’amaraso yiwe, tuzorushiriza guheshwa na we gukizwa uburake bg’Imana. 10#Rom 8:7.Ko twujujwe n’Imana n’urupfu rw’Umwana wayo, tukir’ abansi bayo, none tumaze kwuzura na yo, ubugingo bgiwe buzorushiriza kudukiza. 11Kandi si vyo vyonyene, arikw ikindi, tunezererwa Imana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, yaduhesheje kwuzura na yo.
Urupfu rwazanywe na Adamu, ubugingo bgazanywe na Kristo
12 #
Ita 2:17; 3:19; Rom 6:23. None rero ko bimeze birtyo, nk’ukw icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe, urupfu rukazanwa n’icaha, ni k’urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bākoze ivyaha: 13#Rom 4:15.ivyagezwe bitarabaho, icaha cari mw isi, arikw abantu ntibāharūrwakw icaha, ivyagezwe bitariho. 14#1 Kor 15:21, 22, 45, 55.Arik’ uhereye kuri Adamu, ukageza kuri Mose, urupfu rwaganza n’abatākoze icaha gisa n’igicumuro ca Adamu, yar’ igishushanyo c’uwagira az’ aze.
15Arikw ingabire y’Imana ntimera nka ca gicumuro. Kw igicumuro c’umwe catumye abenshi bapfa, ubuntu bg’Imana n’ingabire y’ubuntu bg’umuntu umwe Yesu Kristo vyarushirije gusāguka kuri benshi. 16Kand’ iyo ngabire ntiyaje nk’icazanywe n’igicumuro c’umuntu umwe: kuko gucirwa urubanza kwavuye ku muntu umwe, kugatera gutsindwa, ariko ya ngabire yavuye mu bicumuro vyinshi, izana gutsindanishirizwa. 17Kw igicumuro c’umwe catumye urupfu rushirwa ku ngoma n’umwe, abākīra ubuntu n’ingabire yo kugororoka bisēsekaye bazorushiriza gushirwa ku ngoma mu bugingo n’umwe, Yesu Kristo.
18 #
1 Kor 15:22. None rero nk’uko gucirwa urubanza kwazanywe n’igicumuro kimwe ku bantu bose, ngo batsindwe, ni ko ya ngabire yazanywe n’igikorwa kigororotse kimwe ku bantu bose, ngo batsindanishirizwe baronke ubugingo. 19#Yes 53:11.Kandi nk’uko kutumvira Imana kw’umuntu umwe kwatumye benshi bacika abanyavyaha, ni ko kuyumvira kw’ umwe kuzotuma benshi bacika abagororotsi. 20#Rom 4:15; 7:8; Gal 3:19.Arikw ivyagezwe vyaje na vyo, kugira ngo gucumura kugwīre: yamara, ah’ icaha cagwiriye ni ho ubuntu bg’Imana bgarushirije kugwira, 21#Rom 6:23.kugira ngo, nk’ukw icaha cashizwe ku ngoma n’urupfu, abe ari ko n’ubuntu bg’Imana bushirwa ku ngoma n’ukugororoka, buheshe ubugingo budashira, kubga Yesu Kristo Umwami wacu.
Currently Selected:
Abaroma 5: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967