Abaroma 4
4
Uko Aburahamu yatubereye akarorero
1None rero, ico twovuga yuko Aburahamu sogokuruza ku mubiri yaronse n’igiki? 2Iyo Aburahamu atsindanishirizwa n’ibikorwa, aba afise ico yihaya. Arikw imbere y’Imana nta co afise. 3#Ita 15:6; Gal 3:6; Yak 2:23.Ivyanditswe bivuga iki? Bivuga ngo Aburahamu yizeye Imana, ibimuharūrako nk’ukugororoka. 4#Rom 11:6; Mat 20:7, 14.Yamar’ ūkora, ingero yiwe ntiharūrwa nk’ubuntu, arikw iharūrwa nk’inyishu. 5Arik’ ūdakora, akizera Ītsindanishiriza abatāyubashe, ukwizera kwiwe guharūrwa nk’ukugororoka: 6#Zab 32:1, 2.nk’uko Dawidi na we yavuze ubuhīrwe bg’umuntu uwo Imana iharūra nk’ūgororotse, atari kubg’ ibikorwa,
7ati Hahirwa abāhariwe ibigabitanyo vyabo,
Kand’ ivyaha vyabo bigatwikīrwa,
8Hahirwa umuntu Uhoraho atazoharūrakw icaha.
9 #
Ita 15:6. Mbeg’ ubgo buhirwe buvugwa ku bākebge bonyene, canke ku batākebge na bo? Kuko tuvuga, tut’ Ukwizera kwaharūwe kuri Aburahamu nk’ukugororoka. 10Kwāharūwe ryari? Yari yarakebge, canke ntiyaribgakebge? Ico gihe s’uko yar’ amaze gukebga, ariko ntiyaribgakebge. 11#Ita 17:10, 11.Kand’ ahabga ikimenyetso, ni kwo gukebga, kuba ikimenyetso c’ukugororoka kwavuye kuri kwa kwizera yar’ afise atarakebga, kugira ngw abe sekuruza w’abizera bose batākebge, ngo bibaharūrweko nk’ukugororoka; 12#Mat 3:9; 1 Pet 2:21; 2 Kor 12:18.kand’ abe na sekuruza w’abākebge, batākebge gusa, ariko bagera ikirenge mu c’ukwo kwizera kwa sogokuruza Aburahamu, ukwo yar’ afise, atarakebga.
Ivyasezeranywe tubironkeshwa n’ukwizera
13 #
Ita 18:18; 22:17, 18. Kukw atari kubg’ ivyagezwe Aburahamu yasezeraniwe cank’ uruvyaro rwiwe, yukw azoragwa isi yose, ariko ni kubg’ ukugororoka kuva ku kwizera. 14Abizigira ivyagezwe iyo baba ari bo baragwa, ukwizera kuba kwarahindutse ubusa, ivyasezeranywe bikaba bititutse. 15#Rom 3:20; 5:13; 7:8, 10.Kukw ivyagezwe bizana uburake, arikw ah’ ivyagezwe bitari, nta gicumuro kiba kiriho.
16Ni co gituma ivyo vyavuye ku kwizera, ngo bibe ivy’ ubuntu; kugira ngo ku ruvyaro rwa Aburahamu rwose, ivyasezeranywe bize vyame bihamye, atar’ ab’ ivyagezwe gusa, ariko n’ab’ ukwizera kwa Aburahamu, ni we sogokuruza wa twese, 17#Ita 17:5; Yes 48:13.mu nyonga z’Iyo yizeye (nk’uko vyanditswe, ngo Nkugize sekuruza w’amahanga menshi) ni yo Mana, izura abāpfuye, kandi yita ibitariho nk’ibiriho. 18#Ita 15:5.Aburahamu yizera yizigiye ibitokwizigiwe, ngw abe sekuruza w’amahanga menshi, nk’uko vyavuzwe, ng’ Uruvyaro rwawe ni ko ruzongana. 19#Ita 17:17.Kandi ntiyagabanukak’ ukwizera, yitegereje umubiri wiwe umaze kuba akāheze, kuko yar’ amaze imyaka nk’ijana y’amavuka yiwe, na Sara yari yaraciye. 20#Heb 11:7, 11, 34.Ariko yiyumviriye ic’ Imana yamusezeraniye, ntiyakekeranishwa no kutizera, arikw aremeshwa cane no kwizera, ahesha Imana icubahiro, 21amenya neza adakekeranya yukw ico yasezeranye ishobora no kugikora. 22#Ita 15:6.Ni co catumye bimuharūrwako nk’ukugororoka. 23#Rom 15:4.Ariko ntivyandikiwe we wenyene yuko vyamuharūweko nk’ukugororoka, 24#1 Pet 1:21.ariko no kubgacu, bizoduharūrwako nka kwo, kuko twizeye Iyazuye Yesu Umwami wacu imukūye mu bāpfuye, 25#Yes 53:4, 5; 1 Kor 15:17.yatangiwe ibicumuro vyacu, akazurwa kugira ngo dutsindanishirizwe.
Currently Selected:
Abaroma 4: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967