1
Abaroma 5:8
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
arikw Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’ abanyavyaha.
Compare
Explore Abaroma 5:8
2
Abaroma 5:5
ukwo kwizigira ntigutētereza, kuk’ urukundo rw’Imana rwasutswe hose mu mitima yacu na Mpwemu Yera twāhawe.
Explore Abaroma 5:5
3
Abaroma 5:3-4
Kandi si vyo vyonyene, ariko kandi tunezererwe n’amarushwa yacu, kuko tuzi yukw amarushwa atera ukwihangana; kand’ ukwihangana kugatera kudatsindwa no kugeragezwa; kudatsindwa no kugeragezwa kugatera kwizigira ibitaraba
Explore Abaroma 5:3-4
4
Abaroma 5:1-2
None rero, ko twatsindanishirijwe no kwizera, dufise amahoro ku Mana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, yadushikanishije ukwizera mur’ ubu buntu duhagazemwo, kandi tunezerezwa no kwizigira kuzobona ubgiza bg’Imana.
Explore Abaroma 5:1-2
5
Abaroma 5:6
Tugifise intege nke, mu gihe gikwiye Kristo yapfiriye abatubaha Imana.
Explore Abaroma 5:6
6
Abaroma 5:9
Nuko none tumaze gutsindanishirizwa n’amaraso yiwe, tuzorushiriza guheshwa na we gukizwa uburake bg’Imana.
Explore Abaroma 5:9
7
Abaroma 5:19
Kandi nk’uko kutumvira Imana kw’umuntu umwe kwatumye benshi bacika abanyavyaha, ni ko kuyumvira kw’ umwe kuzotuma benshi bacika abagororotsi.
Explore Abaroma 5:19
8
Abaroma 5:11
Kandi si vyo vyonyene, arikw ikindi, tunezererwa Imana kubg’ Umwami wacu Yesu Kristo, yaduhesheje kwuzura na yo.
Explore Abaroma 5:11
Home
Bible
Plans
Videos