YouVersion Logo
Search Icon

Abaroma 12

12
Ubugingo bushasha
1 # Rom 6:11, 13; 1 Pet 2:5; Yoh 4:24. Nuko bene Data, ndabahanūra kubg’ imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi. 2#Ef 4:23; 5:10, 17; Rom 1:28; Gal 1:4.Ntimushushanywe n’ivy’ iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’ Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.
Ingabire zo mu buryo bga Mpwemu uko zikwiye gukoreshwa
3 # 1 Kor 12:11; Ef 4:7. Ndabgira umuntu wese muri mwebge, mbgirijwe n’ubuntu nahawe, yoye kwifata ukw atari, yamara yiyumvire yitonze nk’ukw Imana yagereye umuntu wese ukwizera. 4#1 Kor 12:12.Nk’uko mu mubiri umwe dufise ingingo nyinshi, kand’ ingingo zose zitagira igikorwa kimwe, 5#1 Kor 12:27; Ef 4:25.natwe ni ko turi; turi benshi, kandi tur’ umubiri umwe muri Kristo, umuntu wese n’urugingo rwa mugenzi we. 6#1 Kor 12:4.Nuko dufise ingabire zitandukana, nk’uk’ ubuntu twāhawe butandukana: namba twarahawe kuvugishwa n’Imana, tuvugishwe na yo uk’ ukwizera kwacu kungana; 7#1 Pet 4:10, 11.canke namba twarahawe igikorwa co mw ishengero, tugishishikare; cank’ uwigisha ashishikarire kwigisha; 8#Mat 6:3; 2 Kor 8:2; 9:7.cank’ ūhanūra ashishikarire guhanūra; ūgira ubuntu, abugire ata kinubge; ūganza aganzanye umwete; ūgira imbabazi, azigire anezerewe.
Abakristo uko bakwiye kumera
9 # 1 Pet 1:22; 1 Tim 1:5; Am 5:15. Urukundo rwanyu rwoye kuba uruheyiheyi. Mwanke ibibi, mumatane n’ivyiza; 10#2 Pet 1:7; Flp 2:3.ku vyo gukunda bene Data, mukundane rwose; ku vy’icubahiro, umuntu wese ashire imbere mugenzi we; 11#Ivyah 3:15; Ivyak 18:25.ku vy’ ugushishikara, ntimugire urwangara; mukovye mu mitima gukorera Umwami wacu. 12#1 Tes 5:17.Munezererwe kwizigira ibizoba; mwihanganire amagorwa; mushishikare gusenga; 13#Heb 13:2.mugabanirize abera, uko bakennye; mushishikare gutanga indāro. 14#Mat 5:44; Ivyak 7:59; 1 Kor 4:12.Ababahama mubahezagire; mubahezagire, ntimubavume; 15#Zab 35:12.munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira. 16#Imig 3:7; Rom 15:5; 11:20.Muhūze umutima; ntimushire umutima ku bikomeye, ariko mugendane n’ivyiyoroheje. Ntimwiyite abanyabgenge. 17#Yes 5:21; 1 Tes 5:15.Ntimusubirize umuntu mu nkōko ikibi yabagiriye; mubabare gukora ivyiza imbere y’abantu bose. 18#Mrk 9:50; Heb 12:14.Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’abantu bose. 19#Gus 32:35; Lew 19:18; Mat 5:39; 2 Tes 1:6, 7; Rom 13:4; Heb 10:30.Abo nkunda, ntimwīhōrane, ariko muhe uburyo uburake bg’Imana: kuko handitswe, ng’ Uguhōra n’ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkōko, ni k’Uhoraho agize. 20#Imig 25:21, 22; Mat 5:44.Ariko, Umwansi wawe ni yasonza, umugaburire; ni yagira inyota, umuhe ic’ anywa: kuko ni wagira urtyo, uzoba umurunzekw amakara yaka ku mutwe. 21Ikibi coye kukunesha, yamara ikibi ukinesheshe iciza.

Currently Selected:

Abaroma 12: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in