Abaroma 11
11
Imana ntiyaciye Abisirayeli
1 #
Zab 94:14; 1 Sam 12:22; Yer 31:37; Flp 3:5. Nuko ndabaza: Mbeg’ Imana yaciye abantu bayo? Eka na mba! Kuko nanje nd’ Umwisirayeli, wo mu ruvyaro rwa Aburahamu, wo mu muryango wa Benyamini. 2#1 Abam 19:10, 14.Imana ntiyataye abantu bayo yamenye kera. Canke ntimuzi ukw ivyanditswe bivuga kuri Eliya? Ko yareze Abisirayeli ku Mana, 3ati Mwami, bishe abavugishwa nawe, bāsambuye ibicaniro vyawe, nanje nsigaye jenyene, kandi barangenza ngo banyice. 4#1 Abam 19:18.Arikw Imana yamwishuye ngw iki? Iti Nishigarije abantu ibihumbi ndwi batāpfukamiye Bayali. 5#Rom 9:27.Nuko ni ko biri no mur’ iki gihe, harih’ amasigarira nk’uko yatoranijwe n’ubuntu bg’Imana. 6#Gal 3:18.Ariko ni vyaba bivuye ku buntu, ntibikiva ku bikorwa: namb’ atari ko biri, ubuntu si bgo buntu.
7 #
Rom 9:31. None vyabaye bite se? Ic’ Abisirayeli bārondeye, ntibākibonye; ariko, abātoranijwe bārakironse, abandi bakomantazwa imitima. 8#Yes 29:10; Gus 29:4.Nk’uko handitswe, ngw Imana yabahaye umutima wo guhunyiza, n’amaso atabona, n’amatwi atumva, gushitsa kur’ uyu musi. 9Kandi Dawidi yaravuze,
at’ Ameza yabo abe nk’ururiba, n’umutego,
N’ikigwisha, n’inyishu yabo:#Zab 69:22, 23; 35:8.
10Amaso yabo n’ahumwe, ntibabone,
Kandi wame ubahetamitse umugongo imisi yose.
11 #
Gus 32:21; Ivyak 13:46; Rom 10:19. Nuko ndabaza: Mbega bātsitariye kugwa mahera? Eka na mba! Yamar’ ukugwa kwabo kwāzaniye abanyamahanga agakiza, ngo bitere Abisirayeli ishari. 12Ariko, k’ukugwa kwabo ar’ ubutunzi bg’abari mw isi, n’ukugabanuka kwabo ar’ ubutunzi bg’abanyamahanga, ukugwira kwabo ntikuzorushiriza cane?
Agakiza n’ak’ abanyamahanga na bo
13Ariko ndababarira mwebge, abanyamahanga. Ndashimisha igikorwa canje, kuko nd’ intumwa ku banyamahanga, 14#1 Tim 4:16.kugira ngo kumbure ntere ishari ab’i wacu, nkize bamwe muri bo. 15Ko gutabga kwabo kwazaniye abari mw isi kwuzura n’Imana, ukugarukanwa kwabo kuzoba gute? Mbega ntikuzoba ubugingo buzutse mu bapfuye? 16#Guh 15:17-21.Kandi kw ifu y’umushuzo ar’ iyera, n’irobe ni ko rimeze; kandi kw igishitsi ar’ icera, n’amashami ni kw ameze.
17 #
Ef 2:11-19. Ariko namb’ amashami amwe yarahanyuwe, nawe ur’ ikija ca elayo watewe nk’ingurukizi hagati mu mashami, usangira na yo ubukame bg’igishitsi ca elayo bgite, 18#Yoh 4:22.ntiwihayagize kur’ ayo mashami. Namb’ uyihayagizako s’igishitsi kimeze kuri wewe, ariko ni wewe umeze ku gishitsi. 19Wovuga rero, ut’ Amashami yahanyuwe kugira ngo nterweko. 20#Rom 12:16.Ni ko: ukutizera ni kwo kwayahanyuje, nawe ukwizera ni kwo kuguhagaritse. Ntiwibone, ariko wiyubare. 21Kukw Imana, kw itāgiriye ikigongwe amashami bgite, nawe ntizokikugirira. 22#Yoh 15:2, 4; Heb 3:14.Rāba rer’ ukugira neza kw’Imana, n’ubuhambazi bgayo: ku bāguye n’ubuhambazi, ariko kuri wewe n’ukugira neza kw’Imana, ni waguma mur’ ukwo kugira neza kwayo: kuko n’utagira urtyo, nawe uzohanyurwa. 23#2 Kor 3:16.Kandi ba bandi na bo, ni batāguma mu kutizera, bazosubizwako nk’ingurukizi: Imana ishobora kubasubizako. 24Kuko, ko wahanyuwe ku giti cameze ar’ ikija ca elayo, ugaterwa nk’ingurukizi muri elayo nziza, mudasangiye ubgoko, ba bandi babusangiye ntibazorushiriza cane guterwa muri elayo yabo?
Imigabo Imana ifitiye abantu bose n’ukubagirira ubuntu
25 #
Luk 21:24; Yoh 10:16; Rom 12:16. Bene Data, singomba ko mutamenya iri banga, mwoye kwiyita abanyabgenge, n’iry’ uko habaye gukomantaza imitima y’Abisirayeli, ariko si bose, gushitsa ah’ igitigiri gikwiye c’abanyamahanga kizokwinjirira mw ishengero. 26Ni vyaba birtyo, Abisirayeli bose bazokizwa, nk’uko handitswe,
ngw I Siyoni hazova Umurokozi,
Azokūra muri Yakobo ukutubaha Imana;#Mat 23:39; Zab 14:7; Yes 59:20; 27:9.
27 #
Yer 31:33, 34; Yes 27:9. Kandi ni ryo sezerano, nsezeranye na bo,
Aho nzobakūrakw ivyaha.
28Ku vy’ubutumwa bgiza, n’abansi kubganyu: ariko ku vy’ugutoranya kw’Imana, n’abakundwa kubga ba sekuruza. 29Kukw ingabire z’Imana no guhamagara kwayo itavyicuza. 30Nk’uko mwebge kera mwagarariza Imana, ariko non’ umugararizo wabo wazaniye mwebge kugirirwa imbabazi: 31ni ko na bo none bāgararije, kugira ngw imbabazi mwagiriwe zibazanire na bo kuzigirirwa. 32#Gal 3:22; 1 Tim 2:4.Kukw Imana yugaraniye abantu bose mu mugararizo, kugira ngw ibagirire imbabazi bose.
33 #
Rom 9:23; 10:12; Yes 45:15. Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana! Imigabo yayo ntishoboka kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe! 34#Yes 40:13; Yob 15:8; Yer 23:18; 1 Kor 2:16.Ni nde yamenye umutima w’Uhoraho? Canke ni nde yabaye umujanama wiwe? 35Canke ni nde yabanje kumuha kand’ akazokwishurwa? 36Kuko vyose biva muri we, kandi bizanwa na we, kandi vyamuremewe: icubahiro kibe iciwe ibihe bidashira. Amen.
Currently Selected:
Abaroma 11: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967