1
Abaroma 12:2
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Ntimushushanywe n’ivy’ iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’ Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.
Compare
Explore Abaroma 12:2
2
Abaroma 12:1
Nuko bene Data, ndabahanūra kubg’ imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi.
Explore Abaroma 12:1
3
Abaroma 12:12
Munezererwe kwizigira ibizoba; mwihanganire amagorwa; mushishikare gusenga
Explore Abaroma 12:12
4
Abaroma 12:21
Ikibi coye kukunesha, yamara ikibi ukinesheshe iciza.
Explore Abaroma 12:21
5
Abaroma 12:10
ku vyo gukunda bene Data, mukundane rwose; ku vy’icubahiro, umuntu wese ashire imbere mugenzi we
Explore Abaroma 12:10
6
Abaroma 12:9
Urukundo rwanyu rwoye kuba uruheyiheyi. Mwanke ibibi, mumatane n’ivyiza
Explore Abaroma 12:9
7
Abaroma 12:18
Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n’abantu bose.
Explore Abaroma 12:18
8
Abaroma 12:19
Abo nkunda, ntimwīhōrane, ariko muhe uburyo uburake bg’Imana: kuko handitswe, ng’ Uguhōra n’ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkōko, ni k’Uhoraho agize.
Explore Abaroma 12:19
9
Abaroma 12:11
ku vy’ ugushishikara, ntimugire urwangara; mukovye mu mitima gukorera Umwami wacu.
Explore Abaroma 12:11
10
Abaroma 12:3
Ndabgira umuntu wese muri mwebge, mbgirijwe n’ubuntu nahawe, yoye kwifata ukw atari, yamara yiyumvire yitonze nk’ukw Imana yagereye umuntu wese ukwizera.
Explore Abaroma 12:3
11
Abaroma 12:17
Ntimusubirize umuntu mu nkōko ikibi yabagiriye; mubabare gukora ivyiza imbere y’abantu bose.
Explore Abaroma 12:17
12
Abaroma 12:16
Muhūze umutima; ntimushire umutima ku bikomeye, ariko mugendane n’ivyiyoroheje. Ntimwiyite abanyabgenge.
Explore Abaroma 12:16
13
Abaroma 12:20
Ariko, Umwansi wawe ni yasonza, umugaburire; ni yagira inyota, umuhe ic’ anywa: kuko ni wagira urtyo, uzoba umurunzekw amakara yaka ku mutwe.
Explore Abaroma 12:20
14
Abaroma 12:14-15
Ababahama mubahezagire; mubahezagire, ntimubavume; munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira.
Explore Abaroma 12:14-15
15
Abaroma 12:13
mugabanirize abera, uko bakennye; mushishikare gutanga indāro.
Explore Abaroma 12:13
16
Abaroma 12:4-5
Nk’uko mu mubiri umwe dufise ingingo nyinshi, kand’ ingingo zose zitagira igikorwa kimwe, natwe ni ko turi; turi benshi, kandi tur’ umubiri umwe muri Kristo, umuntu wese n’urugingo rwa mugenzi we.
Explore Abaroma 12:4-5
Home
Bible
Plans
Videos