YouVersion Logo
Search Icon

Abaroma 13

13
Ivy’ ukugamburukira abatuganza
1 # Tit 3:1; Yoh 19:11; Imig 8:15. Umuntu wese n’agamburukire abamuganza: kukw ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n’Imana. 2Ni co gituma, ūgābagābiye ūganza aba agābagābiye icagezwe n’Imana: kand’ abakigābagābiye bazoba bihamagariye gutsindwa n’urubanza. 3#1 Pet 2:13, 14; 3:13.Kukw abaganza atar’ abateye ubgoba k’ūkora iciza, shit’ ūkora ikibi. Uragomba kutagirira ubgoba ūganza? Kora neza, azogushima. 4#Zab 82:6; Rom 12:19.Kukw ar’ umukozi w’Imana kubgawe, ngw akuzanire ivyiza. Ariko ni wakora nabi, ugire ubgoba, kukw atambarira inkota ubusa, kukw ar’ umukozi w’Imana, umuhōzi ashitsa uburake k’ūkora nabi. 5Ni co gituma ukwiye kugamburuka, atari kubgo kurakirwa gusa, ariko no kubg’ ijwi ryo mu mutima. 6Ni co gituma kandi mutanga ikori; kukw abaganza ar’ abakozi b’Imana, bashishikarira ico gikorwa nyene. 7#Mat 22:21.Muhe bose ivyo bakwiye: abahabga ikori mubahe ikori; ababuguza mubabugurire; abo gutinywa mubatinye; abo kwubahwa mububahe.
Ivy’ ugukundana
8 # Gal 5:14; 1 Tim 1:5. Ntihagire uwo mugirira umwenda, atar’ ugukundana: kuk’ ūkunda uwundi aba ashikije ivyagezwe. 9#Kuv 20:13-17; Lew 19:18; Gus 5:17.Kukw ibi, ngo Ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukifuze, n’ikindi cagezwe cose, bipoperanirijwe mur’ iri jambo, ng’ Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda. 10#1 Kor 13:4; Mat 22:40.Ūfise urukundo ntagirira mugenzi we nabi: ni co gituma urukundo ari rwo rushitsa ivyagezwe.
Ukugaruka kwa Yesu kurēgereje
11 # Ef 5:14; 1 Tes 5:6, 7. Nuko mwame mugenza murtyo, kuko muzi imisi, yukw igihe gishitse co kwikangura. Non’ agakiza kacu karatwēgereye, kurusha igihe twizereye. 12#1 Yoh 2:8; Ef 5:11; 2 Tim 1:10.Ijoro rirakuze, bugira buce. Nuko twiyambure ibikorwa vy’umwiza, twambare ibirwanishwa vy’umuco. 13#Luk 21:34; Ef 5:18.Tugendane ingeso nziza, nk’abagenda ku murango, tutadandahirwa, tutaborerwa, tudasambana, tudakora ivy’ isoni nke, tudatongana, tutagira ishari. 14#Gal 3:27.Ariko mwambare Umwami Yesu Kristo, kandi ntimubabare ivy’ umubiri, ngo mukore ivyo wifuza.

Currently Selected:

Abaroma 13: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in