Ariko namb’ amashami amwe yarahanyuwe, nawe ur’ ikija ca elayo watewe nk’ingurukizi hagati mu mashami, usangira na yo ubukame bg’igishitsi ca elayo bgite, ntiwihayagize kur’ ayo mashami. Namb’ uyihayagizako s’igishitsi kimeze kuri wewe, ariko ni wewe umeze ku gishitsi.