YouVersion Logo
Search Icon

Abaroma 10

10
1Bene Data, ivyohimbara umutima wanje n’ivyo nsengera Abisirayeli ku Mana, n’ukugira ngo bakizwe. 2#Ivyak 22:3.Ndabashingira intahe yuko bafise ishaka ry’Imana, ariko si mu buryo bg’ubgenge. 3#Rom 9:31, 32.Ko batari bazi ukugororoka kuva ku Mana bakarondera kwishingira ukugororoka kwabo ubgabo, ntibāganjwe n’ukuva ku Mana. 4#Mat 5:17; Yoh 3:18; Heb 8:13.Kuko Kristo ari we ivyagezwe bishikirako, kugira ngw aheshe uwizera wese ukugororoka.
Inzira y’ukugororoka igenewe abantu bose
5 # Lew 18:5; Gal 3:12. Mose yanditse, at’ Ūshishikara ukugororoka kuva ku vyagezwe ni kwo kuzomubeshaho. 6#Gus 30:12, 13.Arik’ ukugororoka kuva ku kwizera kuvuga gurtya, ngo Ntiwibaze, uti Ni nde azodūga, ngw aje mw ijuru? (risobanurwa ngo kumanukana Kristo), 7cank’ uti Ni nde azomanuka i kuzimu? (risobanurwa ngo kudūgana Kristo, amukūye mu bāpfuye). 8#Gus 30:14.Ariko kwavuze gute? Kwavuze kut’ Ijambo riri hafi yawe, riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe; ni ryo jambo ryo kwizera, iryo tubigisha. 9#2 Kor 4:5.Kuko ni wāturisha akanwa yuko Yesu ar’ Umwami, ukizera mu mutima yukw Imana yamuzuye imukūye mu bapfuye, uzokizwa. 10Kuk’ umutima ari wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka: kand’ akanwa akaba ari ko yāturisha, akaronka agakiza. 11#Yes 28:16.Kukw ivyanditswe bivuga, ng’ Ūmwizera wese ntazoterwa n’isoni. 12#Ivyak 10:34; 15:9.Nta tandukaniro ry’Umuyuda n’Umugiriki: kuk’ Umwami umwe ar’ Umwami wa bose, ni we afise ubutunzi bukwiye abamwambaza bose; 13#Yow 2:32.kuko, Umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.
14None bazokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bazokwizera bate uwo batarumva? Kandi bazokwumva bate, ata wabasiguriye ivyiwe? 15#Yes 52:7.Kandi bazosigura ivyiwe bate, batātumwe? Nk’uko handitswe, ngw Ewe kuntu ibirenge vy’abazanye ubutumwa bg’ivyiza ari vyiza! 16#Yes 53:1.Arikw abumviye ubutumwa bgiza si bose. Kuko Yesaya yavuze, ati Mwami, ni nde yemeye ivyo twumvise? 17#Yoh 17:20.Nuk’ ukwemera kuva ku kwumva, n’ukwumva kuzanwa n’ijambo rya Kristo.
18Ariko ndabaza: Mbega ntibumvise? Ego, bārumvise.
Ijwi ryavyo ryumvikanye mw isi yose,
Bo n’amajambo yavyo ku mpera y’isi.#Zab 19:4.
19Ariko ndabaza: Mbeg’ Abisirayeli ntibābimenye? Mose ni we yabanje kuvuga,
ati Nzobateza ishari abatar’ ihanga ry’ukuri,
Nzobarakisha ihanga ry’imburabgenge.#Gus 32:21.
20Kandi Yesaya ashira amanga cane, aravuga,
ati Nabonywe n’abatāndondeye,
Neretswe abatāmbaririkije.#Yes 65:1.
21 # Yes 65:2. Ariko ku Bisirayeli aravuga, ati Nirirwa ntegeye amaboko ubgoko butumva butongana.

Currently Selected:

Abaroma 10: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in