Abaroma 9
9
Uko Paulo yatuntujwe n’ukutizera kw’Abisirayeli
1Ndavuga ukuri muri Kristo, simbesha, ijwi ryo mu mutima wanje ribgiririkanya nanje muri Mpwemu Yera, 2yuko mfise intuntu nyinshi n’umubabaro udahengeshanya mu mutima. 3#Kuv 32:32.Iyaba vyashoboka, noshimye kuvumwa no kuba igicibga kuri Kristo kubga bene wacu, abo tuvukana ku mubiri, 4#Kuv 4:22; Gus 7:6; 14:1, 2.ni bo Bisirayeli, ivyabo n’ugucika abana b’Imana, n’ubgiza, n’amasezerano, no guhabga ivyagezwe, no gusenga Imana, n’ivyasezeranywe: 5#Rom 1:25; Mat 1:1; Luk 3:23; Yoh 1:1.bafise ba sogokuruza ba bandi, kandi ku mubiri Kristo yamutse kuri bo, ni we ari hejuru ya vyose, ni we Mana ikwiye gushimwa ibihe bidashira. Amen.
Amasezerano y’Imana ntiyabuze gushika
6 #
Rom 2:28; Guh 23:19. Ariko s’ukugira ngw ijambo ry’Imana ntiryashitse: kukw abamutse kuri Isirayeli atari bo Bisirayeli bose. 7#Ita 21:12.Kandi kukw ar’ uruvyaro rwa Aburahamu, si co kibagira abana biwe bose: ariko, Kuri Isaka ni ho uruvyaro rwawe ruzokwītīrirwa. 8#Gal 4:23.Ni kwo kuvuga kw abana b’umubiri atari bo bana b’Imana, arikw abana b’isezerano ni bo baharūrwa nk’uruvyaro. 9#Ita 18:10.Kukw ijambo ry’isezerano ar’ iri, ngw Ikindi gihe nk’iki nzoza, Sara yavyaye umuhungu. 10#Ita 25:21.Kandi si co gusa, ariko na Rebeka, igihe yar’ amaze gusama inda y’umugabo umwe, Isaka sogokuruza, 11kand’ abana bataravuka, batarakora iciza cank’ ikibi, ngw ivy’ Imana yagabiye itoranya bibeho, bitavuye ku vy’abantu bakora, ariko vyavuye kw Ībahamagara, 12#Ita 25:23.ico gihe yabgiwe, ngo Bukuru azoshumbira Butoyi; 13#Mal 1:2, 3.nk’uko handitswe, ngo Yakobo naramukunze, Esau na we naramwanse.
Imana ntigabitanya
14 #
Gus 32:4. Nuko tuvuge iki? Mbeg’ Imana iragabitanya? Eka na mba! 15#Kuv 33:19.Kuko yabgiye Mose, iti Nzogirira ikigongwe uwo nzokigirira, ngirire n’imbabazi uwo nzozigirira. 16#Ef 2:8.Ni co gituma bitava ku kugomba kw’umuntu, canke ku gushimika kwiwe, ariko biva ku Mana igira ikigongwe. 17#Kuv 9:16.Kukw ivyanditswe vyabgiye Farawo, ngw Icatumye nguhagarika n’ukugira ngo nkwerekanirek’ ubushobozi bganje, kandi ngw izina ryanje rivugwe hose mw isi yose. 18#Kuv 4:21; 7:3; 9:12; 14:4, 17.Nukw igirira ikigongwe uw’ igomba, kand’ ikomantaza umutima w’uw’ igomba.
Imana ni yo ibigira ikabigirūra
19Nuko wombaza, uti N’iki gituma ikigaya umuntu? Ni nde yankiye ivy’ igomba? 20#Yes 29:16; 45:9.Ariko ga wa muntu, uri nde, uhārīra n’Imana? Mbeg’ icābūmbge cobaza uwakibumvye, kiti N’iki catumye umbumba urtya? 21#Yer 18:6.cank’ umubumvyi ntagera ibumba, mu mugoma umwe kubumbamw’ urwavya rumwe rwo gukoresha ivy’ icubahiro, n’urundi rwo gukoresha ibiteye isoni? 22#Yer 50:25.Mbega har’ ico biriko, nah’ Imana yagomvye kwerekana uburake bgayo, no kumenyesha ubushobozi bgayo, namba yihangananiye imbabazi nyinshi inzavya z’ukuraka, ziteguriwe guhona; 23#Ef 1:3-12; Rom 2:4; 8:29.kugira ngo yerekanire ubutunzi bg’ubgiza bgayo ku nzavya z’ikigongwe, izo yiteguriye guha ubgiza kera, 24kuri twebge, abo yahamagaye, si mu Bayuda bonyene ariko no mu banyamahanga? 25Nk’uko yavugiye mu kanwa ka Hoseya,
it’ Abatār’ abantu banje nzobita abantu banje,
Kand’ ūtār’ inkundwakazi nzomwita inkundwakazi.#Hos 2:23.
26 #
Hos 1:10. Kand’ aho hantu bābgiriwe, ngo Ntimur’ abantu banje,
Ni ho bazokwitirwa abana b’Imana nzima.
27 #
Yes 10:22, 23; Rom 11:5. Kandi Yesaya asemerera ivy’ Abisirayeli, at’ Igitigiri c’Abisirayeli n’iyo coba nk’umusenyi wo ku kiyaga, amasigarira ni yo azokira: 28kuk’ Uhoraho azoshitsa ijambo ryiwe mw isi, ariringanize kand’ arihimbure. 29Kandi nk’uko Yesaya yavuze kera,
at’ Iyaba Uhoraho Nyen’ ingabo atādushigarije uruvyaro,
Tuba twarabaye nk’i Sodomu, tukagirwa nk’i Gomora.#Yes 1:9.
Icabujije Abisirayeli gushikīra ukugororoka
30 #
Rom 10:20. None tuvuge iki? Enda tuvuge yukw abanyamahanga batākurikiye ivy’ ukugororoka bāshitse ku kugororoka, ni kwo kugororoka kuva ku kwizera: 31#Rom 10:2, 3.arikw Abisirayeli bākurikiye ivy’ ivyagezwe vy’ukugororoka, ntibābishikako. 32#Yes 8:14.Ni ku ki? N’uko batābironderesheje ukwizera, yamara bābironderesheje ibikorwa nk’ivyobibahesha, batsitara kuri rya buye ritsitaza, 33nk’uko handitswe,
ngw Ehe ndashira i Siyoni ibuye ritsitaza, urutare rugwisha,
Kand’ uwizera uyo ntazoterwa n’isoni.#Yes 28:16; Mat 21:42; 1 Pet 2:6.
Currently Selected:
Abaroma 9: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967