Bible App logo
Search Icon

Ivyahishuriwe Yohana 8

8
Ivy’ inzamba ndwi
1 # Zek 2:13; Hab 2:20. Kand’ amennye ikigira indwi kimatanije ico gitabo, haba agacerere mw ijuru nk’igihimba c’isaha. 2#Mat 24:31.Mbona abamarayika ndwi bama bahagarara imbere y’Imana bahabga inzamba ndwi.
3 # Am 9:1; Ivyah 5:8. Haza umumarayika wundi, ahagarara ku gicaniro, afise icotero c’izahabu, ahabga imibavu myinshi ngw ayishire ku gusenga kw’abera bose kuri ku gicaniro c’izahabu kir’ imbere y’iyo ntebe. 4#Zab 141:2.Umwotsi w’umubavu uva mu kuboko kw’umumarayika upfundukana n’ugusenga kw’abera imbere y’Imana. 5#Lew 16:12; Kuv 19:16; Ezk 10:2.Umumarayika ajana icotero, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, ashiburira mw isi: habah’ imituragaro n’amajwi n’imiravyo no gutigita kw’isi.
6Ba bamarayika ndwi bafise inzamba ndwi bagabiriza kuzivuza.
7 # Ezk 38:22; Yow 2:30; Kuv 9:23-26. Uwa mbere aravuza. Haza urubura n’umuriro bivanze n’amaraso, bishiburirwa mw isi. Ikigira gatatu c’isi kirasha, ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ivyatsi bibisi vyose birasha.
8 # Yer 51:25; Kuv 7:20, 21. Umumarayika wa kabiri aravuza. Ikimeze nk’igisozi kinini caka umuriro gishiburirwa mu kiyaga; ikigira gatatu c’ikiyaga gihinduka amaraso; 9ikigira gatatu c’ivyaremwe vyo mu kiyaga bifise ubugingo kirapfa; ikigira gatatu c’amato kirahona.
10 # Yes 14:12; Dan 8:10. Umumarayika wa gatatu aravuza: inyenyeri nini iva mw ijuru iratibuka, yaka nk’urumuri, itibukira ku kigira gatatu c’inzūzi no ku masōko. 11Iyo nyenyeri yitwa Mururazi. Ikigira gatatu c’amazi gihinduka umururazi, abantu benshi bicwa n’ayo mazi, kuko yarurishijwe.
12 # Ivyah 6:12; Kuv 10:21. Umumarayika wa kane aravuza. Ikigira gatatu c’izuba n’ikigira gatatu c’ukwezi n’ikigira gatatu c’inyenyeri birakubitwa, kugira ngw ikigira gatatu cavyo gicure umwiza, ikigira gatatu co mu bihe vy’umurango nticākirwe, no mw ijoro n’uko.
Ukw isi izobona ibara ibihetangabo gatatu
13 # Ivyah 9:12; 11:14. Ndarāba, numva inkukuma#8:13 inkukuma ni yo mpungu. iguruka yātiriye ijuru, ivuga n’ijwi rirenga, it’ Ibara, ibara, ibara riza kubonwa n’abari mw isi kubg’ ayandi majwi y’inzamba z’abamarayika batatu bahava bavuza.

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in