Bible App logo
Search Icon

Ivyahishuriwe Yohana 9

9
1 # Ivyah 8:10; 20:1. Umumarayika wa gatanu aravuza. Mbona inyenyeri itibukiye mw isi ivuye kw ijuru; ihabga urupfunguzo rw’urusumanyenzi rw’i kuzimu. 2#Ita 19:28; Kuv 19:18; Yow 2:2, 10.Yugurura urusumanyenzi rw’i kuzimu, rupfundukamw’ umwotsi nk’uw’ itanure rinini, izuba n’ikirēre bicurishwa umwiza n’umwotsi wo mur’ urwo rusumanyenzi. 3#Kuv 10:12, 15.Mu mwotsi havamw’ inzige zija mw isi, zihabga ububasha bgo gukora ivyo sikorupiyo#9:3 sikorupiyoni co kimwe n’akamina: n’agakōko k’ubumara gakomoresha umurizo. zo kw isi zibasha gukora. 4#Ezk 9:4; Ivyah 7:3.Zibgirwa kutagira ico zigira ivyatsi vyo kw isi cank’ ikintu cose kibisi cank’ igiti cose, atar’ abantu batādomwekw ikimenyetso c’Imana mu ruhanga rwabo. 5Zihabga kutabica, ariko zihabga kubasesereza amezi atanu. Kandi kubabaza kwazo kumeze nk’ukwa sikorupiyo iyo iriye umuntu. 6#Yob 3:21; Luk 23:30.Mur’ iyo misi abantu bazoba barondera urupfu, ariko ntibazorubona na gatoya; bazoba bifuza gupfa, urupfu rubahunge.
7 # Yow 2:4. Kand’ ishusho y’izo nzige yasa n’iy’ amafarasi yiteguriwe intambara, zari zambaye mu mitwe nk’ibitsibo bisa n’izahabu, mu maso hazo hasa n’ah’ abantu. 8#Yow 1:6.Kandi zari zifise ubgoya bumeze nk’umushatsi w’abagore, amenyo yazo yari nk’ay’ intambge. 9#Yow 2:5.Kandi zari zifise ibikīngira ibikiriza, bimeze nk’ivyuma, guhinda kw’amababa yazo kwari kumeze nk’uguhinda kw’imikogote ikwegwa n’amafarasi menshi yiruka ija mu ntambara. 10Kandi zari zifise imirizo nk’iya sikorupiyo, n’imbōyi, kandi mu mirizo yazo ni ho harimw’ ubushobozi bgo gusesereza abantu amezi atanu. 11Zifise umwami wazo, ni we mumarayika w’i kuzimu, mu Giheburayo yitwa Abadoni, mu Kigiriki yitwa Apoluwoni.#9:11 Apoluwoni: risobanurwa ngo Muranduzi.
12 # Ivyah 8:13; 11:14. Ibara rya mbere riraheze, eh’ ukundi kubona ibara kubiri guhava kuza hanyuma.
13 # Ivyah 8:3; Kuv 30:1-3. Umumarayika wa gatandatu aravuza: numva ijwi riva ku mahembe ane y’igicaniro c’izahabu kir’ imbere y’Imana, 14#Ita 15:18; Gus 1:7; Yos 1:4; Ivyah 16:12.ribarira umumarayika wa gatandatu afise inzamba, riti Bohora abamarayika bane babohewe ku ruzi runini Efurate. 15#Ivyah 8:7-12.Abo bamarayika bane, bari biteguriwe iyo saha n’uwo musi n’ukwo kwezi n’uwo mwaka, babohorerwa kwica ikigira gatatu c’abantu. 16Igitigiri c’ingabo z’abarwanira ku mafarasi car’ ibihumbi amajana igihumbi kabiri: igitigiri cabo naracumvise. 17Kandi nerekwa ntya amafarasi n’abari bayicayeko. Bari bambaye ivyuma bikīngira ibikiriza, bisa n’ikibengebenge n’agafyiri n’amazuku: imitwe y’ayo mafarasi yari nk’iy’ intambge, mu kanwa kayo havamw’ umuriro n’umwotsi n’amazuku. 18Ikigira gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago, ukw ari bitatu, umuriro n’umwotsi n’amazuku, bivuye mu kanwa kayo. 19Kuk’ ububasha bg’ayo mafarasi buri mu kanwa kayo no mu mirizo yayo: kukw imirizo yayo imeze nk’inzoka, na yo iri n’imitwe, kandi ni yo aryanisha.
20 # Yes 2:8, 20; 17:8; Dan 5:4; 1 Kor 10:20; Zab 115:4; 135:15; Ivyah 16:9, 11, 21. Abantu bārokotse, batishwe n’ivyo vyago, ntibihana ivyakozwe n’intoke zabo, ngo bareke gusenga abadayimoni n’ibigirwamana vy’izahabu n’ivy’ ifeza n’ivy’ imiringa n’ivy’ amabuye n’ivy’ ibiti, bidashobora kubona canke kwumva canke kugenda: 21#2 Abam 9:22.kandi ntibihana ngo bareke ubgicanyi bgabo, cank’ uburozi cank’ ubushakanyi cank’ ubusuma.

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in