Ivyahishuriwe Yohana 7
7
Ivya bamwe 144.000 bādomwekw ikimenyetso
1 #
Ezk 7:2; 37:9; Dan 7:2; Zek 6:5; Mat 24:31. Hanyuma y’ivyo, mbona abamarayika bane bahagaze ku mfuruka zine z’isi, bafashe imiyaga ine yo kw isi, kugira ngo ntihagire umuyaga uhūha kw isi canke ku kiyaga canke ku giti cose. 2Kandi mbona umumarayika wundi adūga, ava i burasirazuba, afise ikidomesho c’Imana nzima, asemerera n’ijwi rirenga, abarira ba bamarayika bane bahawe kwonona isi n’ikiyaga, 3#Ezk 9:4, 6.ati Ntimugire ico mugira isi cank’ ikiyaga cank’ ibiti, tutaradoma ikimenyetso mu ruhanga rw’abagurano b’Imana yacu. 4#Ivyah 14:1, 3.Numva igitigiri c’abadomwekw ikimenyetso, ngo n’ibihumbi ijana na mirongwine na bine, abādomwekw ikimenyetso bo mu miryango yose y’Abisirayeli.
5Abo mu muryango wa Yuda bākidomweko n’ibihumbi cumi na bibiri:
Abo mu muryango wa Reyubeni n’ibihumbi cumi na bibiri:
Abo mu muryango wa Gadi n’ibihumbi cumi na bibiri:
6Abo mu muryango wa Asheri n’ibihumbi cumi na bibiri:
Abo mu muryango wa Nafutali n’ibihumbi cumi na bibiri:
Abo mu muryango wa Manase n’ibihumbi cumi na bibiri:
7Abo mu muryango wa Simeyoni n’ibihumbi cumi na bibiri:
Abo mu muryango wa Lewi n’ibihumbi cumi na bibiri:
Abo mu muryango wa Isakari n’ibihumbi cumi na bibiri:
8Abo mu muryango wa Zebuloni n’ibihumbi cumi na bibiri:
Abo mu muryango wa Yosefu n’ibihumbi cumi na bibiri:
Abo mu muryango wa Benyamini bādomwekw ikimenyetso n’ibihumbi cumi na bibiri.
Yohana abona abācunguwe bari mw ijuru
9 #
Ivyah 6:11. Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe: 10#Ivyah 12:10.basemerera n’ijwi rirenga, bat’ Agakiza n’ak’ Imana yacu ivyagiye kur’ irya ntebe n’ak’ Umwagazi w’Intama. 11#Ivyah 5:11; 11:16.Abamarayika bose bari bahagaze bakikije ino ntebe, bakikije na ba bakuru na vya binyabugingo, bikubita hasi bubamye imbere y’intebe, basenga Imana, 12bati Amen, umugisha no guhimbazwa n’ubgenge n’ishimwe n’icubahiro n’ububasha n’ubushobozi n’ivy’ Imana yacu ibihe bitazoshira. Amen.
13Umwe muri ba bakuru arambaza, at’ Aba bambaye imvune zera ni ba nde, kandi bavuye hehe? 14#Dan 12:1; Ita 49:11; Mat 24:21; Heb 9:14.Ndamwishura, nti Mugenzi, ni wewe wobimenya. Arambgira, at’ Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi. 15#Ivyah 21:3, 22.Ni co gituma baba imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera mu rusengero rwayo ku murango no mw ijoro: kand’ Īvyagiye kur’ irya ntebe izosanza ihema ryayo hejuru yabo. 16#Yes 49:10.Ntibazoba bakigira inzara ukundi, kandi ntibazoba bakigira inyota ukundi, kand’ izuba ntirizobarabika cank’ indugumba yose, 17#Ezk 34:23; Ivyah 5:6; Yer 2:13; 31:16; Zab 23:2; Yes 25:8.kuko wa Mwagazi ari hagati ahahanganye n’iyo ntebe, azobaragira, kand’ azobashōra ku masōko y’amazi y’ubugingo; kand’ Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.
Currently Selected:
Ivyahishuriwe Yohana 7: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967