1
Ivyahishuriwe Yohana 8:1
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Kand’ amennye ikigira indwi kimatanije ico gitabo, haba agacerere mw ijuru nk’igihimba c’isaha.
Compare
Explore Ivyahishuriwe Yohana 8:1
2
Ivyahishuriwe Yohana 8:7
Uwa mbere aravuza. Haza urubura n’umuriro bivanze n’amaraso, bishiburirwa mw isi. Ikigira gatatu c’isi kirasha, ikigira gatatu c’ibiti kirasha, ivyatsi bibisi vyose birasha.
Explore Ivyahishuriwe Yohana 8:7
3
Ivyahishuriwe Yohana 8:13
Ndarāba, numva inkukuma iguruka yātiriye ijuru, ivuga n’ijwi rirenga, it’ Ibara, ibara, ibara riza kubonwa n’abari mw isi kubg’ ayandi majwi y’inzamba z’abamarayika batatu bahava bavuza.
Explore Ivyahishuriwe Yohana 8:13
4
Ivyahishuriwe Yohana 8:8
Umumarayika wa kabiri aravuza. Ikimeze nk’igisozi kinini caka umuriro gishiburirwa mu kiyaga; ikigira gatatu c’ikiyaga gihinduka amaraso
Explore Ivyahishuriwe Yohana 8:8
5
Ivyahishuriwe Yohana 8:10-11
Umumarayika wa gatatu aravuza: inyenyeri nini iva mw ijuru iratibuka, yaka nk’urumuri, itibukira ku kigira gatatu c’inzūzi no ku masōko. Iyo nyenyeri yitwa Mururazi. Ikigira gatatu c’amazi gihinduka umururazi, abantu benshi bicwa n’ayo mazi, kuko yarurishijwe.
Explore Ivyahishuriwe Yohana 8:10-11
6
Ivyahishuriwe Yohana 8:12
Umumarayika wa kane aravuza. Ikigira gatatu c’izuba n’ikigira gatatu c’ukwezi n’ikigira gatatu c’inyenyeri birakubitwa, kugira ngw ikigira gatatu cavyo gicure umwiza, ikigira gatatu co mu bihe vy’umurango nticākirwe, no mw ijoro n’uko.
Explore Ivyahishuriwe Yohana 8:12