Ivyahishuriwe Yohana 6
6
Yesu amena ibimatanije igitabo
1 #
Ivyah 4:6; 5:1, 2, 6, 8. Mbona Umwagazi w’Intama amena kamwe muri twa dushashara ndwi tumatanije ca gitabo: numva kimwe muri vya binyabugingo bine kivuga nk’ijwi ry’inkuba, kiti Ngwino. 2#Zek 1:8; 6:1-3.Mbona ifarasi y’igitare, kand’ ūyicayeko yar’ afise umuheto, ahabga igitsibo, agenda anesha, kandi ngo yame anesha.
3Kand’ amennye ica kabiri kimatanije ca gitabo, numva ikigira kabiri mu binyabugingo, kiti Ngwino. 4Haza iyindi farasi y’akagajo, ūyicayeko ahabga gukūra amahoro mw isi, ngo bicane: kand’ ahabga inkota ndende.
5Kand’ amennye ica gatatu kimatanije ca gitabo, numva ikigira gatatu mu binyabugingo, kiti Ngwino. Mbona ifarasi y’agafyiri: kand’ ūyicayeko yar’ afise umunzane mu minwe. 6Numva hagati y’ivyo binyabugingo bine nk’ijwi rivuga, rit’ Ingero imwe y’ingano n’idenariyo‐idenariyo, n’ingero zitatu za sayiri n’idenariyo‐idenariyo:#6:6 idenariyo n’ihera ryagererwa umuntu ku musi. arikw amavuta na vino ntugire ic’ ubikorako.
7Kand’ amennye ica kane kimatanije ico gitabo, numva ijwi ry’ikigira kane mu binyabugingo, kiti Ngwino. 8#Hos 13:14; Yer 15:3; Ezk 5:12; 14:21; 29:5; 33:27; 34:28.Mbona ifarasi ibenjutse; kand’ ūyicayeko yitwa Rupfu, Kuzimu na we aramukurikira; bahabga ububasha ku kigira kane c’isi, ngo babicishe inkota n’inzara n’urupfu n’ibikōko vyo kw isi.
9 #
Ivyah 8:5; 14:18; 16:7. Kand’ amennye ica gatanu kimatanije ico gitabo, mbona musi y’igicaniro impwemu z’abishwe babahōra ijambo ry’Imana no gushinga intahe bari bafise. 10#Zek 1:12; Zab 79:10; Gus 32:43; Ita 4:10; 2 Abam 9:7; Hos 4:1.Batakambisha ijwi rirenga, bati Databuja wera w’ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahōra abari mw isi amaraso yacu? 11#Ivyah 3:4; 7:9; Mat 23:32.Umuntu wese muri bo ahabga imvune yera, babarirwa kumara iyindi misi baruhuka, gushitsa ah’ igitigiri c’abagurano bagenzi babo na bene Se, bagira bicwe nka bo, kizoshikira.
12 #
Yes 13:10; Ezk 32:7, 8; Yow 2:30; Luk 21:25. Kandi mbona amena ica gatandatu kimatanije ico gitabo, isi iratigita cane: izuba ririrabura nk’igunira ry’ubgoya; ukwezi kwose guhinduka nk’amaraso: 13#Yes 34:4; 13:10.inyenyeri zo kw ijuru zikorokera hasi, nk’uk’ umusukoni uzungagizwa n’igihuhuta ugahungurura insukoni zawo zitararunguriza: 14ijuru ririzinga, nk’umuzingo w’igitabo kizinzwe: imisozi yose n’ibizinga vyo mu kiyaga vyose bikūrwa ahantu havyo. 15#Zab 48:4; 2:2; Yes 24:21; 34:12; 2:10, 19, 21; Yer 4:29.Abami bo mw isi n’abaganwa n’abakuru b’abagabisha b’abasoda n’abatunzi n’abanyenkomezi n’abagurano bose n’abidegemvya bose binyegeza mu masenga no mu bitandara vyo ku misozi; 16#Hos 10:8; Yes 6:1; Zab 47:8; Luk 23:30.babarira imisozi n’ibitandara, bati Ni mutugweko, muduhishe inyonga z’Īvyagiye kur’ irya ntebe n’uburake bg’Umwagazi w’Intama; 17#Yow 2:11, 31; Mal 3:2; Zef 1:14, 18; Rom 2:5.kuk’ umusi uhambaye w’uburake bgabo ushitse, kandi ni nde ashobora guhagarara?
Currently Selected:
Ivyahishuriwe Yohana 6: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967