1
Ivyahishuriwe Yohana 7:9
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe
Compare
Explore Ivyahishuriwe Yohana 7:9
2
Ivyahishuriwe Yohana 7:10
basemerera n’ijwi rirenga, bat’ Agakiza n’ak’ Imana yacu ivyagiye kur’ irya ntebe n’ak’ Umwagazi w’Intama.
Explore Ivyahishuriwe Yohana 7:10
3
Ivyahishuriwe Yohana 7:17
kuko wa Mwagazi ari hagati ahahanganye n’iyo ntebe, azobaragira, kand’ azobashōra ku masōko y’amazi y’ubugingo; kand’ Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.
Explore Ivyahishuriwe Yohana 7:17
4
Ivyahishuriwe Yohana 7:15-16
Ni co gituma baba imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera mu rusengero rwayo ku murango no mw ijoro: kand’ Īvyagiye kur’ irya ntebe izosanza ihema ryayo hejuru yabo. Ntibazoba bakigira inzara ukundi, kandi ntibazoba bakigira inyota ukundi, kand’ izuba ntirizobarabika cank’ indugumba yose
Explore Ivyahishuriwe Yohana 7:15-16
5
Ivyahishuriwe Yohana 7:3-4
ati Ntimugire ico mugira isi cank’ ikiyaga cank’ ibiti, tutaradoma ikimenyetso mu ruhanga rw’abagurano b’Imana yacu. Numva igitigiri c’abadomwekw ikimenyetso, ngo n’ibihumbi ijana na mirongwine na bine, abādomwekw ikimenyetso bo mu miryango yose y’Abisirayeli.
Explore Ivyahishuriwe Yohana 7:3-4