Bible App logo
Search Icon

Ivyahishuriwe Yohana 5

5
Yohana yerekwa Umwagazi w’intama w’Imana
1 # Yes 6:1; 29:11; Zab 47:8; Ivyah 4:2; Ezk 2:9, 10. Mbona igitabo mu kuboko kw’i buryo kw’Īvyagiye kuri ya ntebe, canditse imbere n’inyuma, kidombagijek’ udushashara ndwi, tukimatanije tudomyemw’ ikimenyetso. 2Mbona umumarayika w’inkomezi nyinshi asemereza ijwi rirenga, ati Ni nde bibereye kw azingurura kirya gitabo ngw amene ibikimatanije? 3Ntihāgira uwo mw ijuru cank’ uwo kw isi cank’ uw’ i kuzimu ashobora kuzingurura ico gitabo canke kukirāba. 4Nanje ndizwa cane n’uko hatabonetse ūbereye kuzingurura ico gitabo canke kukirāba. 5#Ita 49:9; Yes 11:1, 10; Ivyah 22:16.Umwe muri ba bakuru arambarira, ati Nta co urira; eh’ Intambge yo mu muryango wa Yuda, Umunago wo ku gishitsi ca Dawidi, yaranesheje, ngw azingurure igitabo, amene ibikimatanije ndwi.
6 # Yes 53:7; 11:2; Yoh 1:29, 36; Ivyah 4:5; Zek 4:10. Mbona hagati ya ya ntebe na vya binyabugingo bine no hagati ya ba bakuru, Umwagazi w’Intama ahagaze, asa n’uwishwe, afise amahembe ndwi n’amaso ndwi, ni vyo Mpwemu ndwi z’Imana, zatumwe kwama zija mw isi yose. 7#Yes 6:1; Zab 47:8.Araza, agikūra mu kuboko kw’i buryo kw’Īvyagiye kuri ya ntebe. 8#Zab 141:2; Ivyah 14:2; 15:2; 8:3, 4.Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera. 9#Zab 33:3; 144:9.Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe, 10#Kuv 19:6; Yes 61:6; Ivyah 1:6; 20:6; 22:5.ukabahindura ubgami bg’Imana yacu no kuba abaherezi bayo, kandi bazoba abami mw isi. 11#1 Abam 22:19; Dan 7:10.Ndarāba, numva ijwi ry’abamarayika benshi bakikije ya ntebe na vya binyabugingo na ba bakuru: igitigiri cabo car’ amasinzi n’amasinzi, n’ibihumbi n’ibihumbi. 12#Yes 53:7; 1 Ngo 29:11; Flp 2:8-10.Bavuga n’ijwi rirenga, bat’ Umwagazi yishwe abereye guhabga ububasha n’ubutunzi n’ubgenge n’ubushobozi n’icubahiro no guhimbazwa n’umugisha. 13#Yes 6:1; Zab 47:8.Kand’ icaremwe cose co mw ijuru no mw isi n’i kuzimu no hejuru y’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose, numva bivuga, bit’ Īvyagiye ku ntebe bo n’Umwagazi w’Intama, umugisha ube uwabo n’icubahiro no guhimbazwa n’ububasha, ibihe bitazoshira. 14#Ivyah 4:10; 19:4.Kandi vya binyabugingo bine biravuga, biti Amen. Bano bakuru bikubita hasi, barasenga.

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in