1
Ivyahishuriwe Yohana 5:9
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe
Compare
Explore Ivyahishuriwe Yohana 5:9
2
Ivyahishuriwe Yohana 5:12
Bavuga n’ijwi rirenga, bat’ Umwagazi yishwe abereye guhabga ububasha n’ubutunzi n’ubgenge n’ubushobozi n’icubahiro no guhimbazwa n’umugisha.
Explore Ivyahishuriwe Yohana 5:12
3
Ivyahishuriwe Yohana 5:10
ukabahindura ubgami bg’Imana yacu no kuba abaherezi bayo, kandi bazoba abami mw isi.
Explore Ivyahishuriwe Yohana 5:10
4
Ivyahishuriwe Yohana 5:13
Kand’ icaremwe cose co mw ijuru no mw isi n’i kuzimu no hejuru y’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose, numva bivuga, bit’ Īvyagiye ku ntebe bo n’Umwagazi w’Intama, umugisha ube uwabo n’icubahiro no guhimbazwa n’ububasha, ibihe bitazoshira.
Explore Ivyahishuriwe Yohana 5:13
5
Ivyahishuriwe Yohana 5:5
Umwe muri ba bakuru arambarira, ati Nta co urira; eh’ Intambge yo mu muryango wa Yuda, Umunago wo ku gishitsi ca Dawidi, yaranesheje, ngw azingurure igitabo, amene ibikimatanije ndwi.
Explore Ivyahishuriwe Yohana 5:5