Ivyahishuriwe Yohana 3
3
Icete candikiwe ishengero ry’i Sarudi
1 #
Ivyah 5:6; 1:16. Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi, ut’ Ūfise Impwemu ndwi z’Imana n’inyenyeri ndwi, aravuga ibi, ngo Ndazi ibikorwa vyawe, k’uvugwa k’uri muzima, arik’ ur’ uwapfuye. 2#Ezk 34:4.Gira ube maso, ukomeze ibisigaye bigira bipfe: kukw ata bikorwa vyawe nabonye bisozerewe imbere y’Imana yanje. 3#1 Tes 5:2; Ivyah 16:15; Mat 24:43.Ni wibuke rero ingene wākiriye kandi wumvise: uvyitondere, wihane. Nuko rero n’utaba maso, nzoza nk’igisuma, nawe ntuzomenya igihe nzokwūbīra. 4#Yud 1:23.Arik’ ufise amazina makeya y’ab’ i Sarudi batanduje impuzu zabo; ni bo bazogendana nanje bambaye impuzu zera, kuko bibabereye. 5#Kuv 32:32, 33; Zab 69:28; Ivyah 4:4; 6:11; 7:9; Flp 4:3; Mat 10:32.Ūnesha azokwambikwa artyo impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c’ubugingo na mba, kandi nzokwatura izina ryiwe imbere ya Data, n’imbere y’abamarayika biwe. 6Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.
Icete candikiwe ishengero ry’i Filadelufiya
7 #
Yes 22:22; Yob 12:14. Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya, ut’ Uwera, uw’ ukuri, ūfise urupfunguzo rwa Dawidi, uwugurura ntihagire uwugara, kand’ uwugara ntihagire uwugurura, aravuga ibi, 8#1 Kor 16:9.ngo Ndazi ibikorwa vyawe (ehe nashize imbere yawe urugi rwuguruye, nta wushobora kurwugara) yuk’ ufise ubushobozi buke, witondeye ijambo ryanje, ntiwihakanye izina ryanje. 9#Yes 43:4; 45:14; 49:23; 60:14; 66:23.Ehe nguhaye bamwe bo mw isinagogi ya Satani, biyita Abayuda, atari bo, ariko babesha; ehe nzobagōbēra kuza, bikubite imbere y’ibirenge vyawe, bamenye yuko nagukunze. 10#Ivyah 13:10; Heb 10:36; Luk 21:19; 2 Tim 2:12.Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugerageza, kigira kize mu bihugu vyose, kugerageza ababa mw isi. 11#Ivyah 1:3; 2:5, 10.Ngira nze vuba: wumire ku co ufise, ntihagire ūgutwara igitsibo cawe. 12#Ezk 48:35; Gal 2:9; Yes 62:2; 65:15; Ivyah 14:1; 22:4; 21:2.Ūnesha nzomugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazosohoka ukundi, nanje nzomwandikakw izina ry’Imana yanje, n’iry’ umurwa w’Imana yanje, ni wo Yerusalemu musha, wururuka uvuye mw ijuru ku Mana yanje, kandi nzomwandikakw izina ryanje risha. 13Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.
Icete candikiwe ishengero ry’i Lawodikiya
14 #
Zab 89:37; Imig 8:22; Yoh 1:3; Kol 1:15. Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya, ut’ Uwiyita Amen, icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri, inkomoko y’ivyaremwe n’Imana, aravuga ibi, 15#Ivyah 2:2; Rom 12:11.ngo Ndazi ibikorwa vyawe, yuk’ udakonje kandi ntubire. Icompa ugakonja cank’ ukabira! 16Nuko rero kuk’ ur’ akazuyazi, udakonje ntubire, ngira nkudahwe. 17#Hos 12:8; 1 Kor 3:18; 4:8.Kuk’ uvuga, uti Nd’ umukire ndatunze kandi nta co nkennye; ntumenye yukw ari wewe mutindi, wafutanye, ur’ umworo, ur’ impumyi, ugenda amēnya; 18#1 Pet 1:7; Yes 55:1; Ivyah 16:15.ndakugīra inama, ungurekw izahabu yakūwekw inkamba n’umuriro, ubone kuba umutunzi; ungureko n’impuzu zera, ubone kwambara, isoni z’ubgambure bgawe ntizigaragare; kand’ ungureko n’umuti wo gusīga ku maso, ubone guhumūka. 19#Imig 3:12; 1 Kor 11:32; Heb 12:6.Abo nkunda bose ndabakankamira, nkabakāngīra; nuko gira umwete, wihane. 20#Mrk 13:35; Yoh 14:23; Luk 12:36; 22:29.Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire. 21#Mat 19:28.Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe. 22Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.
Currently Selected:
Ivyahishuriwe Yohana 3: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967