Ivyahishuriwe Yohana 2
2
Icete candikiwe ishengero ryo muri Efeso
1 #
Ivyah 1:13, 16, 20. Andikira umumarayika w’ishengero ryo muri Efeso, ut’ Ūfashe inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo, akagendera hagati y’ibiterekwakw amatara indwi vy’izahabu, aravuga ibi, 2#1 Yoh 4:1.ngo Ndazi i bikorwa vyawe n’ubutame bgawe n’ukwihangana, kandi yuk’ udashobora kwirengagiza ababi, ariko wagenzuye abiyita intumwa kand’ atari zo, usanga n’abanyabinyoma. 3Kand’ ugira ukwihangana, wirengagije ivy’ ugirirwa kw izina ryanje, ntiwacobogora. 4Ariko mfise ico nkugayako, yuko waretse urukundo rwawe rwa mbere. 5Nuko ni wibuke aho wavuye ukagwa; wihane, ukore ibikorwa nk’ivya mbere. N’utagira urtyo, nzoza kuri wewe nkūre igiterekwakw itara cawe ahantu haco, shiti wihannye. 6#Zab 139:21.Arikw ic’ ufise n’uko wanka ibikorwa vy’Abanikolayiti, ivyo nanje nanka. 7#Ivyah 22:2; Ezk 31:8; Ita 2:9; 3:22, 24; Luk 23:43; 2 Kor 12:4.Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.
Icete candikiwe ishengero ry’i Simuruna
8 #
Yes 44:6; 48:12. Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Simuruna, ut’ Uwa mbere kand’ uw’ iherezo, uwari yarapfuye kand’ akaba muzima, aravuga ibi, 9#Ivyah 3:9; Yak 2:5; 2 Kor 11:14, 15.ngo Ndazi amarushwa yawe n’ubgoro bgawe (yamar’ ur’ umutunzi), n’ibitutsi vy’abiyita Abayuda, atari bo, arikw ar’ isinagogi ya Satani. 10#Dan 1:12, 14; Mat 10:28; Ivyah 3:11; 2 Tim 4:8.Ntutinye ivy’ ugira ubabazwe. Eh’ uwo Murwanizi agira ashire bamwe muri mwebge mw ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi cumi. Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’ubugingo. 11#Ivyah 20:14.Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira.
Icete candikiwe ishengero ry’i Perugamo
12 #
Yes 49:2; Heb 4:12; Ivyah 1:16; 19:15. Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Perugamo, ut’ Ūfise inkota ikarishe aravuga ibi, 13#Ivyah 13:2; 3:8.ngo Ndazi ah’ uba, kw ari ho umurwa#2:13 umurwa: mu Kigiriki handitswe intebe ya Satani. wa Satani uri; kandi wumiye kw izina ryanje, ntiwihakanye kunyizera no mu misi ya Antipa, icabona canje, n’umugororotsi wanje, yiciwe i wanyu, aho Satani aba. 14#Guh 31:16; 25:1, 2; Yud 1:11.Ariko mfise i vyo nkugayako bike, kukw i wanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu, yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y’Abisirayeli, kugira ngo barye ivyaterekerejwe ibigirwamana, bashakane. 15Ni ko nawe, ufise abakomeza inyigisho z’Abanikolayiti nk’uko nyene. 16Nuko rero ni wihane: n’utihana nzoza kuri wewe vuba, kand’ abo nzobarwanya, mbakubite inkota yo mu kanwa kanje. 17#Zab 78:24; Ivyah 3:12; Yes 62:2; 65:15.Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu#2:17 manu: rāba Kuv 16:31. yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.
Icete candikiwe ishengero ry’i Tuwatira
18 #
Dan 10:6. Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Tuwatira, ut’ Umwana w’Imana, afise inyonga zisa n’imbeya z’umuriro, ibirenge vyiwe bisa n’umuringa w’umwakaka, aravuga ibi, 19ngo Ndazi ibikorwa vyawe, n’urukundo rwawe, n’ukwizera kwawe, n’ingen’ ushitsa ibango ryawe, n’ukwihangana kwawe, kandi kw ibikorwa vyawe vyo hanyuma biruta ivya mbere kuba vyinshi. 20#1 Abam 16:31; 2 Abam 9:22; Guh 25:1, 2.Ariko mfise ico nkugayako, yuk’ ukundira urya mugore Yezebeli, yiyita ūvugishwa n’Imana, akigisha akazimiza abagurano banje, kugira ngo bashakane barye ivyaterekerejwe ibigirwamana. 21Kandi namuhaye uburyo bgo kwihana, ntiyakunda kwihana ngw areke ubushakanyi bgiwe. 22Ehe ndamutsinda ku buriri, ndarungikira abasambana na we amarushwa menshi, ni batihana ibikorwa vyiwe. 23#Zab 7:9; 62:12; Yer 11:20; 17:10.Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze. 24Ariko mweho abasigaye mu b’i Tuwatira, abadafise iyo nyigisho mwese, batāmenye ivyo ba bandi bita ivy’i bgina#2:24 ivy’ i bgina bisobanurwa ngw ibihishijwe: rāba 1 Kor 2:10. vya Satani, ndababgira, nti Nta wundi mutwaro mbikoreza atar’ uyu, 25#Ivyah 3:11.ko mwumira ku co mufise mugashitsa aho nzozira. 26#Zab 2:8.Ūnesha akitondera ibikorwa vyanje agashitsa kw iherezo, nzomuha ububasha bgo kuganza amahanga: 27#Ivyah 12:5.azoyaragiza inkoni y’icuma, nk’uko bamenagura inzavya z’ibumba; nk’uko nanje nahawe na Data. 28Kandi nzomuha ikinyenyeri co mu gaturuturu. 29Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.
Currently Selected:
Ivyahishuriwe Yohana 2: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967