Ivyahishuriwe Yohana 1
1
Ivyo Yohana yashingiye intahe
1 #
Dan 2:28, 29. Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n’Imana ngo yereke abagurano biwe ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha umugurano wiwe Yohana, 2#Ivyah 6:9.yashingiye intahe ivyo yabonye vyose, ni vyo jambo ry’Imana, no gushinga intahe kwa Yesu Kristo. 3#Ivyah 22:7, 10.Hahirwa ūsoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa n’Imana, bakitondera ivyanditswe muri yo: kukw igihe kiri hafi.
Indamukanyo
4 #
Kuv 3:14, 15; Yes 41:4; Ivyah 3:1; 5:6. Jewe Yohana ndabandikiye mwebge abo mu mashengero ndwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva kur’ Iyo, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, biva no ku Mpwemu ndwi zir’ imbere y’intebe yayo, 5no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y’abari barapfuye, ūganza abami bo mw isi.
Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe,#Zab 89:27, 37; 130:8; Yes 40:2; Yoh 18:37; Kol 1:18; Heb 9:14; Ivyah 3:14; 7:14; 19:16. 6#Ivyah 5:10; 1 Pet 2:5, 9; Kuv 19:6; Yes 61:6.akaduhindura ubgami, no kuba abaherezi b’Imana yiwe, ni yo Se: icubahiro n’inganji bibe ivyiwe ibihe bitazoshira. Amen. 7#Dan 7:13; Zek 12:10-14; Yoh 19:37; Luk 23:27, 28.Eh’ arazanana n’ibicu, kand’ ijisho ryose rizomwibonera, n’abāmucumise bazomubona: kand’ amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we. Ni ko biri. Amen.
8 #
Kuv 3:14; Yes 41:4; Ivyah 4:8; 21:6. Jewe ndi Alufa na Omega#1:8 Alufa ni yo nyuguti ya mbere yo mu Kigiriki, Omega ni yo iheruka., ni k’Umwami Imana igize, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, ni yo ishobora vyose.
Uko Yohana yiyeretswe na Yesu
9Jewe Yohana, mwene So, musangiye amarushwa n’ubgami n’ukwihangana biri muri Yesu, nari ku kizinga Patimo co mu kiyaga, bampōra ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu. 10Ku musi w’Imana nari muri Mpwemu, numva inyuma yanje ijwi rirenga nk’iry’ inzamba, 11#Ivyah 2:8; 22:13.rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.
12Mpindukira kurāba ijwi rivuganye nanje: mpindukiye mbona ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu, 13#Ezk 1:26; 8:2; Dan 7:13; 10:5.kandi hagati y’ivyo biterekwakw amatara mbona uwusa n’Umwana w’umuntu, yambaye imyambaro ishika ku birenge, yambaye mu gikiriza umukanda w’izahabu. 14#Dan 7:9; 10:6; Ivyah 2:18; 19:12.Kand’ umutwe wiwe n’umushatsi vyari vyera nk’ubgoya bg’intama y’umwero, canke nka shelegi;#1:14 Shelegi n’ikintu coroshe cera, gikoroka hasi nk’imvura, gikanye cane. n’inyonga ziwe zasa n’imbeya z’umuriro; 15#Ezk 1:24; 43:2.ibirenge vyiwe vyasa n’umuringa w’umwakaka, utukujwe n’umuriro; n’ijwi ryiwe ryari rimeze nk’iry’ amazi menshi asūma, 16#Abac 5:31; Ivyah 2:12, 16; 19:15.kandi mu kuboko kwiwe kw’i buryo yar’ afise inyenyeri ndwi, mu kanwa kiwe hāvamw’ inkota ikarishe, mu nyonga hiwe hari hameze nk’izuba iyo ryatse umutari.
17 #
Yes 44:6; 48:12; Dan 8:18; 10:15-19. Ndamubonye, nikubita imbere y’inyundo ziwe nk’ūpfuye; maz’ anshirak’ ukuboko kw’i buryo, ati Ntutinye; jewe nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo, 18kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi rāba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’ i kuzimu. 19#Yes 48:6; Dan 2:29.Nuko wandike ivy’ ubonye n’ibiriho n’ibizoba hanyuma y’ivyo, 20#Mal 2:7; Dan 2:29.ibanga ry’inyenyeri ndwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw’i buryo, n’ivy’ ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu. Inyenyeri ndwi ni zo bamarayika b’ayo mashengero ndwi, ibiterekwakw amatara ndwi na vyo ni vyo mashengero ndwi.
Currently Selected:
Ivyahishuriwe Yohana 1: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967