Ivyahishuriwe Yohana 19
19
Ukunesha kw’Imana n’ubukwe bga wa Mwagazi
1 #
Zab 104:35; Ivyah 11:15. Hanyuma y’ivyo numva mw ijuru ikimeze nk’ijwi rirenga ry’ishengero ryinshi, riti Haleluya#19:1 Haleluya risobanurwa ngo Ni mutazire Uhoraho.; agakiza n’ubgiza n’ububasha n’ivy’ Imana yacu, 2#2 Abam 9:7; Gus 32:43; Zab 19:9; 119:137; Ivyah 16:7; 6:10.kukw amateka yayo ar’ay’ ukuri n’ukugororoka. Yaciriyekw iteka umwe maraya w’agahebuza, yononesha abari mw isi ubusambanyi bgiwe, kand’ imuhōye amaraso y’abagurano bayo. 3#Zab 104:35; Yes 34:10.Rivuga ubugira kabiri, riti Haleluya. Kand’ umwotsi wiwe upfunduka ibihe bitazoshira. 4#Ivyah 5:14; Yes 6:1; Zab 47:8; 106:48.Ba bakuru mirongwibiri na bane na vya binyabugingo bine vyikubita hasi, bisenga Imana ivyagira kuri ya ntebe, biti Amen; Haleluya. 5#Zab 22:23; 115:13; 134:1; 135:1.Ijwi riva kur’ iyo ntebe rivuga, riti Ni mushime Imana yacu, yemwe mwese abagurano bayo, abayubaha, aboroshe n’abakomeye. 6#Dan 10:6; Ivyah 11:15; Ezk 1:24; 43:2; Zab 93:1; 97:1; 99:1.Numva ikimeze nk’ijwi ry’ishengero rinini, n’ikimeze nk’ugusūma kw’amazi menshi, n’ikimeze nk’ijwi ry’imituragaro ihambaye, kivuga, kiti Haleluya, kuk’ Umwami Imana yacu ishobora vyose ihangamye. 7#Zab 118:24; Ivyah 21:2, 9.Tunezerwe, duhimbarwe, tuyihe icubahiro, kuk’ ubukwe bga wa Mwagazi w’Intama bushitse, umugeni wiwe ariteguye. 8#Zab 45:14; Yes 61:10.Kandi yahawe kwambara impuzu zera nziza, zikayangana, zitanduye; izo mpuzu zera nziza ni zo bikorwa vyo kugororoka vy’abera.
9 #
Luk 14:15. Umumarayika arambarira, at’ Andika, uti Hahirwa abatorewe gutaha ubukwe bga wa Mwagazi. Kand’ arambarira, at’ Ayo n’amajambo y’ukuri y’Imana. 10#Ivyah 12:11; 22:8; Ivyak 10:25, 26.Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe no kumusenga. Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafise ivyo gushingira intahe Yesu: Imana ba ari yo usenga. Kukw abashingira intahe Yesu baba bavugishwa na Mpwemu.
Inganji ya Kristo
11 #
Ezk 1:1; Zab 96:13; Ivyah 3:14; Yes 11:4. Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona ifarasi y’igitare, ūyivyagiyeko yitwa Mwizigirwa, irindi ni Munyakuri. Aca amateka akarwana intambara mu bugororotsi. 12#Dan 10:6; Ivyah 1:14; 2:18; 3:12.Inyonga ziwe n’imbeya z’umuriro, no mu mutwe yambaye imigāra myinshi, kand’ afise izina ryanditswe, nta wurizi atari we wenyene. 13#Yes 63:1; Yoh 1:1.Yambaye impuzu zājobetswe mu maraso, kandi yitwa Jambo w’Imana. 14#Ivyah 17:14.Ingabo zo mw ijuru ziramukurikira, zicaye ku mafarasi y’ibitare, zambaye impuzu nziza zera derere, zitanduye. 15#Ivyah 12:5; 14:20; Yes 11:4; 63:3.Mu kanwa kiwe havamw’ inkota ikarishe, kugira ngw ayikubite amahanga: azoyaragiza inkoni y’icuma. Kand’ aganishiriza ibirenge mu bgato vino y’uburake bg’inkazi bg’Imana ishobora vyose. 16#Gus 10:17; Dan 2:47; Ivyah 17:14; 1 Tim 6:15.Kandi ku mpuzu ziwe no ku kibero, afise izina ryanditsweko, ng’ UMWAMI W’ABAMI, ŪGANZA ABAGANZA.
Uguhona kw’abansi biwe
17 #
Ezk 39:4, 17-20. Mbona umumarayika ahagaze ku zuba; asemerera n’ijwi rirenga, abarira ibisīga vyose biguruka vyātiriye ijuru, ati Ni muze mukoranire amazimano menshi y’Imana, 18ngo murye inyama z’abami n’iz’ abakuru b’abagabisha b’abasoda n’iz’ abahizi n’iz’ amafarasi n’iz’ abayicarako n’iz’ abantu bose, abidegemvya n’abagurano, aboroshe n’abahambaye.
19 #
Zab 2:2; Ivyah 16:16. Mbona ca gikōko n’abami bo kw isi n’ingabo zabo bakoraniye kurwanya ūvyagiye kuri ya farasi n’ingabo ziwe. 20#Ivyah 13:11-17; 20:10; Dan 7:11, 26.Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku. 21#Ezk 39:17, 20.Abasigaye bicishwa inkota y’ūvyagiye kuri ya farasi, imwe ivuye mu kanwa kiwe. Ibisīga vyose bifunereza inyama zavyo.
Currently Selected:
Ivyahishuriwe Yohana 19: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967