Ivyahishuriwe Yohana 18
18
Yohana yerekwa Babuloni hakomvomvoka
1 #
Ivyah 10:1; Ezk 43:2. Hanyuma y’ivyo mbona umumarayika wundi, amanuka avuye mw ijuru, afise ubutware buhambaye, isi ibonesherezwa n’ubgiza bgiwe. 2#Dan 4:30; Ivyah 14:8; Yes 13:21; 21:9; 34:11; Yer 9:11; 50:39; 51:8.Asemerera n’ijwi rirenga, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni ca gisagara gihambaye, gicitse ikibanza c’abadayimoni, aharindirwa impwemu zihumanya zose, aharindirwa ibisīga bihumanya vyankwa vyose. 3#Yes 23:17; Nah 3:4; Yer 25:15, 27; 51:7.Kukw amahanga yose yanyoye vino, ni zo burake bg’ubusambanyi bgiwe, kand’ abami bo kw isi bāsambana na we, abadandaza bo kw isi bātungishwa n’ubginshi bg’ibihinda vyiwe.
4 #
Yes 48:20; 52:11; Yer 50:8; 51:6, 9, 45. Numva ijwi rindi rivuye mw ijuru, rivuga, riti Bantu banje, ni muve i we, kugira ngo mwoye gufatanya n’ivyaha vyiwe, mwoye guhabga ku vyago vyiwe. 5#Ita 18:20, 21; Yer 51:9.Kukw ivyaha vyiwe vyārundanijwe bigashika kw ijuru, kand’ Imana yibutse ukugabitanya kwiwe. 6#Zab 137:8; 2 Tes 1:6; Yer 50:15, 29.Mumugirire ibihwanye n’ivyo yagiriye abandi, mumugerere kabiri ibikwiranye n’ivyo yakoze. Mu gakarabo yavangiyemwo, mumuvangiremwo kabiri. 7#Yer 50:29; Yes 47:7, 8.Nk’uko yihimbaza, akīgirira ibihinda, abe ari ko mumuha kubabazwa agashinyaguro no kuboroga. Kuko yibgira mu mutima, ngo Mvyagiye nd’umwamikazi, sind’ umupfakazi, sinzobona amaborogo n’akazirukanyo: 8#Yes 47:9; Yer 50:34; Ivyah 17:16.ni co gituma ivyago vyiwe vyose bizoza ku musi umwe, urupfu n’amaborogo n’amapfa, kand’ azotongozwa umuriro: kuk’ Umwami Imana amuciriyekw iteka ar’ uw’ ubushobozi.
9 #
Ezk 26:16; 27:30-35; Yes 23:17; Ivyah 17:2. Kand’ abami bo kw isi, abāsambana na we, bagasangira na we ibihinda vyiwe, bazomuririra, bamuvugirize amarūru, aho bazobonera umwotsi wo kuyigizwa kwiwe, 10#Dan 4:30; Ezk 26:17; Yes 21:9; Yer 51:8; Ivyah 14:8.bahagaritswe kure no gutinya ugushinyagurirwa kwiwe, bati N’ibara, n’ibara, ewe wa gisagara gihambaye, Babuloni, wa gisagara c’inkomezi, kuko mw isaha imwe iteka uciriweko rigushikiriye!
11 #
Ezk 27:31, 36. N’abadandaza bo kw isi barakiririra, barakiborogera, kukw ata wukibagurira ibishōrano vyabo bizanwa mu bgato; 12#Ezk 27:12, 13, 22.ibishōrano vy’izahabu n’ifeza n’utubuyenge tw’igiciro kinini, n’imaragarita, n’impuzu zera nziza, n’iz’ inyambarabami,#18:12 inyambarabami: rāba Luk 16:19. na hariri, n’iz’ agahama, n’imbaho zose zimota neza, n’imbombovu zose z’ibintu vyabājwe mu mahembe y’inzovu, n’imbombovu zose z’ibintu vyabājwe mu biti vyiza vy’igiciro kinini, n’ivyacuzwe mu miringa, no mu butare, n’ivyabājwe mw ibuye ryitwa marimari, 13#Ezk 27:13.n’ibisosa vyitwa mudarasini, n’imbazi, n’imibavu, n’amavuta amota neza, n’isenga, na vino, n’amavuta ya elayo, n’ifu isetse neza, n’ingano, n’inka, n’intama, n’amafarasi, n’imikogote, n’imibiri y’abantu n’ubugingo bgabo. 14(Kand’ iyera ry’ukwifuza kw’ umutima wawe rirakuvuyeko; n’ibintu vyose biryoshe n’ibirābika neza biguhonnyeko, ntibazobibona ukundi.) 15#Ezk 27:31, 36.Abāshōra ivyo, batungishijwe n’ico gisagara, bazohagarikwa kure no gutinya ugushinyagurirwa kwaco, barira baboroga, 16#Ivyah 17:4.bati N’ibara, n’ibara, ca gisagara gihambaye, cambaye impuzu zera nziza n’iz’ inyambarabami n’iz’ agahama, kandi cisakaye izahabu n’utubuyenge tw’ igiciro kinini n’imaragarita, 17kuk’ ubutunzi bungaho bukomvomvotse mw isaha imwe!
Kandi nyen’ ubgato wese, n’umuntu wese ajabukirizwa mu bgato ahantu hose, n’abasoza, n’abatunzwe n’ikiyaga, bari bahagaze kure,#Yes 23:14; Ezk 27:27-29. 18#Ezk 27:32; Yes 34:10.kandi bakirāba umwotsi wo kuyigizwa kwaco barataka, bati N’ikihe cari gihwanye na kiriya gisagara gihambaye? 19#Ezk 26:19; 27:30-34.Biyorera imikungugu ku mitwe, bataka barira baboroga, bati N’ibara, n’ibara, ca gisagara gihambaye, catungishije ubutunzi bgaco abafise amato yabo mu kiyaga bose, kuko cakomvowe mw isaha imwe! 20#Gus 32:43; Yes 44:23; Yer 51:48.Ni biguhimbare, wa juru, namwe abera n’intumwa n’abavugishwa n’Imana, kukw Imana igiciriyekw iteka, igihōra mwebge.
21 #
Ezk 26:21; Dan 4:30; Yer 51:63, 64. Umumarayika w’inkomezi araha ikibuye kimeze nk’igisyo kinini, agita mu kiyaga, at’ Uko ni ko Babuloni igisagara gihambaye kizotererwa kigenda imivuguvugu, kandi ntikizosubira kuboneka ukundi. 22#Yes 24:8; Ezk 26:13.Ntihazokwumvikana ukundi muri wewe ijwi ry’abacuraranzi n’iry’ abaririmvyi, n’iry’ abavuza imyironge n’iry’ abavuza inzamba; kandi nta muhinga w’umunyabuhinga bgose agisubira kuboneka muri wewe ukundi, kand’ ukuvuga kw’urusyo ntikugisubira kwumvikana muri wewe ukundi. 23#Yer 7:34; 16:9; 25:10; Yes 23:8; 47:9.Kand’ ukumurika kw’itara ntikugisubira kubonesha muri wewe ukundi, kand’ ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni ntirigisubira kwumvikana muri wewe ukundi. Abadandaza bawe bār’ abahambaye bo kw isi, kukw amahanga yose yahendahenzwe n’uburozi bgawe. 24#Yer 51:9; Mat 23:35; Ivyah 6:10; 17:6; 19:2.Kandi mur’ ico gisagara amaraso y’abavugishwa n’Imana n’ay’ abera n’ay’ abishwe bo kw isi bose ni ho yabonetse.
Currently Selected:
Ivyahishuriwe Yohana 18: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967