Ivyahishuriwe Yohana 20
20
Ukubohwa kwa Satani kw’imyaka 1.000
1 #
2 Pet 2:4; Yud 1:6. Mbona umumarayika amanuka avuye mw ijuru, afise urupfunguzo rw’i kuzimu, afise n’ikinyororo mu minwe. 2#Ita 3:1; Zek 3:1; Ivyah 9:1; 12:9.Afata ca gisato, ni co ya nzoka ya mbere, ni yo Murwanizi irindi ni Satani, akiboha ngo kimare imyaka igihumbi, 3#2 Tes 2:9, 10.agikororera i kuzimu, arahadadira, ashirakw ikimenyetso kikirumanya, kugira ngo nticongere kuzimiza amahanga, gushitsa ah’ iyo myaka igihumbi izoshirira: ni yashira gikwiye kubohorwa ngo kimare igihe gito.
4 #
Dan 7:9, 22, 27; Luk 22:30; 1 Kor 6:2. Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kandi mbona ubugingo bg’abaciwe amazosi, babahōra gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batāsenze ca gikōko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi. 5#1 Kor 15:23; 1 Tes 4:16.Abapfuye bandi ntibaba bazima iyo myaka igihumbi itarashira. Ukwo ni kwo kuzuka kwa mbere. 6#Yes 61:6; Ivyah 5:10.Ūri mu mugabane wo kuzuka kwa mbere arahiriwe kandi n’uwera. Urupfu rwa kabiri ntirugira ububasha ku bameze bartyo, ariko bazoba abaherezi b’Imana na Kristo, kandi bazofatanya na we kuganza, iyo myaka igihumbi.
Ukurekurwa kwa Satani n’intambara y’iherezo
7Kand’ iyo myaka igihumbi ni yashira, Satani azorekurwa ngw ave mw ibohero, 8#Ezk 7:2; 38:2, 9, 16.azosokoroka aje kuzimiza amahanga yo mu mfuruka zine z’isi, Gogi na Magogi, kugira ngw ayakoranirize hamwe ku ntambara, igitigiri cabo ni nk’umusenyi wo ku kiyaga. 9#Hab 1:6; 2 Abam 1:10; Ezk 38:22; 39:6.Baradūga bakwira isi yose, bakikiza ah’ ingabo z’abera zishagaje, na ca gisagara gikundwa. Umuriro uratibuka uvuye mw ijuru, urabarigata. 10#Ita 19:24; Ivyah 19:20.Kand’ Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.
Ukuzuka kw’abantu bose no guca amateka y’iherezo
11 #
Mat 25:31-46; Dan 2:35. Mbona intebe niniya yera, mbona n’Iyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka. 12#Dan 7:10; Ivyah 3:5; Flp 4:3; Rom 2:6.Mbona abapfuye, abahambaye n’aboroshe, bahagaze imbere y’iyo ntebe; ibitabo birazingururwa. Kand’ ikindi gitabo kirazingururwa, ni co gitabo c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyanditswe mur’ ivyo bitabo, zikwiranye n’ivyo bakoze. 13#Yoh 5:28, 29.Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’i kuzimu bigarukana abapfuye bo muri vyo, bacirwa imanza zikwiranye n’ivy’ umuntu wese yakoze. 14#1 Kor 15:26, 55.Rupfu na Kuzimu batererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri. 15#Dan 12:1; Mat 25:41.Kand’ umuntu wese atabonetse ko yanditswe muri ca gitabo c’ubugingo atererwa mur’ ico kiyaga caka umuriro.
Currently Selected:
Ivyahishuriwe Yohana 20: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967