Ivyahishuriwe Yohana 17
17
Yohana yerekwa maraya n’igikōko gisa n’agahama
1 #
Yer 51:13; Ivyah 15:1. Haza umwe wo muri ba bamarayika ndwi bari bafise za nzavya ndwi, avugana nanje, arambgira, ati Ngwino nkwereke iteka rizocirwa maraya w’agahebuza, yicaye kw iteraniro ry’amazi menshi. 2#Yes 23:17; Ivyah 14:8; 18:3.Uyo abami bo kw isi bāsambana na we, ababa kw isi bakaborerwa vino, ni zo busambanyi bgiwe. 3#Dan 7:7; Ivyah 13:1.Anjana mu bugaragwa ndi muri Mpwemu. Mbona umugore yicaye ku gikōko gisa n’agahama, cuzuye amazina y’amarogotano, gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi. 4#Ezk 28:13, 16; Yer 51:7.Uwo mugore yambaye impuzu y’inyambarabami#17:4 inyambarabami: rāba Luk 16:19. n’iy’ agahama, yari yisakaye izahabu n’utubuyenge tw’igiciro kinini n’imaragarita,#17:4 imaragarita: rāba Mat 7:6. afise igikombe c’izahabu mu minwe cuzuye ibihumanya n’imyanda y’ubusambanyi bgiwe. 5#2 Tes 2:7; Dan 4:30; Ivyah 14:8; 16:19.Mu ruhanga afise izina ry’akabanga, ryanditswe ngo BABULONI HAHAMBAYE, NYINA WA BA MARAYA, KANDI NYINA W’IBIHUMANYA VYO MW ISI. 6Kandi mbona uwo mugore aborewe amaraso y’abera n’amaraso y’abashingiye intahe ivya Yesu.
Ndamubonye birantangaza ndumirwa rwose.#Ivyah 18:24. 7Umumarayika arambaza, ati N’iki kigutangaje? Ndakubgira akabanga k’uriya mugore n’ak’ igikōko agenderako gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi. 8#Dan 7:3; 12:1; Zab 69:28; Ivyah 13:1-3; 3:5.Igikōko ubonye cariho kandi ntikikiriho, kandi kigira kidūge kive i kuzimu, kije kuranduka. Kand’ ababa kw isi batanditswe amazina yabo mu gitabo c’ubugingo, uhereye ku kuremwa kw’isi, bazotangara babonye ico gikōko yuko cariho kandi kitakiriho, kandi kizoboneka. 9#Ivyah 13:1, 18.Aha ni ho umutima w’ubgenge userukira. Imitwe ndwi, iyo ni yo misozi ndwi uwo mugore yicayeko. 10Kandi ni yo bami ndwi: abatanu bārakombowe, umwe ariho, uwundi we ntaraza, kandi ni yaza azoba ar’ uwo kumara igihe gito. 11#Ivyah 19:20.Kandi ca gikōko, cariho kandi kitakiriho, ico ubgaco n’ūgira umunani, ariko kandi n’umwe muri ba bandi ndwi, kand’ azoja kuranduka. 12#Dan 7:20, 24.Kand’ amahembe cumi wabonye ni yo bami cumi batarīma, ariko bahabga kuganziriza hamwe na ca gikōko nk’abami nyene, kumara isaha imwe. 13Abo bahūza inama, baha ca gikōko ububasha bgabo n’ubutware bgabo. 14#Gus 10:17; Dan 2:47; Ivyah 19:14, 16.Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.
15 #
Yes 8:7; Yer 47:2; 51:13. Arambgira, ati Ya mazi wabonye, maraya yicarako, ni yo moko n’amakungu y’abantu n’amahanga n’indimi. 16#Ivyah 12:13; 18:8.Ya mahembe cumi wabonye na ca gikōko bizokwanka uwo maraya, bizomuzingazinga, bimukobe, birye inyama ziwe, bimutongoze umuriro. 17#Ivyah 10:7.Kukw Imana yashize mu mitima yabo gukora ivyo yagabiye, no guhūza inama, no gushira ca gikōko ku ngoma yabo, kugeza ah’ amajambo y’Imana azoshikira. 18#Zab 2:2; 89:27; Ivyah 18:10.Umugore wabonye ni we ca gisagara gihambaye, kiganza abami bo kw isi.
Currently Selected:
Ivyahishuriwe Yohana 17: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967