1
Ivyahishuriwe Yohana 17:14
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Abo bazorwanya Umwagazi w’Intama, uwo Mwagazi azobanesha, kukw ari we aganza abaganza n’Umwami w’abami, kand’ abari kumwe na we, bāhamagawe, bātoranijwe, bāyobotse, na bo bazobanesha.
Compare
Explore Ivyahishuriwe Yohana 17:14
2
Ivyahishuriwe Yohana 17:1
Haza umwe wo muri ba bamarayika ndwi bari bafise za nzavya ndwi, avugana nanje, arambgira, ati Ngwino nkwereke iteka rizocirwa maraya w’agahebuza, yicaye kw iteraniro ry’amazi menshi.
Explore Ivyahishuriwe Yohana 17:1
3
Ivyahishuriwe Yohana 17:8
Igikōko ubonye cariho kandi ntikikiriho, kandi kigira kidūge kive i kuzimu, kije kuranduka. Kand’ ababa kw isi batanditswe amazina yabo mu gitabo c’ubugingo, uhereye ku kuremwa kw’isi, bazotangara babonye ico gikōko yuko cariho kandi kitakiriho, kandi kizoboneka.
Explore Ivyahishuriwe Yohana 17:8
4
Ivyahishuriwe Yohana 17:5
Mu ruhanga afise izina ry’akabanga, ryanditswe ngo BABULONI HAHAMBAYE, NYINA WA BA MARAYA, KANDI NYINA W’IBIHUMANYA VYO MW ISI.
Explore Ivyahishuriwe Yohana 17:5