Ivyahishuriwe Yohana 16
16
1 #
Yes 66:6; Zab 69:24; Yer 10:25; Zef 3:8. Numva ijwi rirenga rivuye muri rwa rusengero ribarira ba bamarayika ndwi, riti Ni mugende, musuke kw isi izo nzavya ndwi z’uburake bg’Imana.
2 #
Gus 28:35; Kuv 9:10, 11. Uwa mbere aragenda, asuka urwavya rwiwe kw isi, abantu bafise ikimenyetso ca ca gikōko, bagasenga igishushanyo caco, bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi.
3 #
Kuv 7:17-21. Uwa kabiri asuka urwavya rwiwe mu kiyaga, gicika amaraso nk’ay’ ūpfuye: ikintu cose co mu kiyaga kiri n’ubugingo kirapfa.
4 #
Kuv 7:19-24; Zab 78:44. Uwa gatatu asuka urwavya rwiwe mu nzūzi no mu masōko, bicika amaraso. 5#Zab 119:137; 145:17; Kuv 3:14; Gus 32:4; Yes 41:4.Numva umumarayika w’amazi avuga, at’ Uragororotse, uriho kandi wamyeho, Uwera, kuk’ uciye iryo teka. 6#Yes 49:26; Zab 79:3.Bavishije amaraso y’abera n’ay’ abavugishijwe nawe, kand’ amaraso nyene ni yo ubahaye ngo banywe: birababereye. 7#Zab 19:9; 119:137; Ivyah 9:13; 19:2.Numva igicaniro kivuga, kit’ Ego me Mwami Mana ushobora vyose, amateka yawe n’ay’ ukuri n’ukugororoka.
8Uwa kane asuka urwavya rwiwe mu zuba. Rihabga kubaburisha abantu umuriro. 9#Ivyah 16:11, 12; 9:20, 21.Abantu bababurwa n’indugumba nyinshi, barogota kw izina ry’Imana igaba ivyo vyago, ntibihana ngo bayihimbaze.
10 #
Kuv 10:21; Yes 8:21, 22. Uwa gatanu asuka urwavya rwiwe ku ntebe y’ubgami ya ca gikōko. Ubgami bgaco bucura umwiza, uburibge butuma bahekenya indimi zabo, 11kand’ uburibge bgabo n’ibisebe vyabo bituma barogota ku Mana Nyen’ ijuru, kandi ntibihana ngo bareke ibikorwa vyabo.
12 #
Ita 15:18; Gus 1:7; Yos 1:4; Yer 50:38; Yes 11:15; 41:2; 44:27. Uwa gatandatu asuka urwavya rwiwe mu ruzi runini Efurate. Amazi yarwo arakama, kugira ngw inzira y’abami bava i burasirazuba yitegurwe. 13#Ivyah 12:9; 13:1, 11; Kuv 8:3; 1 Abam 22:21-23.Kandi mbona mu kanwa ka ca gisato no mu kanwa ka ca gikōko no mu kanwa ka wa muvugishwa w’ibinyoma, havamw’ impwemu zitatu zihumanya, zisa n’ibikere: 14#Ivyah 13:13; 19:19.kukw izo ar’ impwemu z’abadayimoni, zikora ibimenyetso, zija ku bami bo mw isi yose, ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose. 15#Ivyah 3:18; 1 Tes 5:2.(Ehe ndaza nk’igisuma. Hahirwa ūba maso, akazigama impuzu ziwe, ngo ntagende amēnya, bakabona isoni z’ubgambure bgiwe.) 16#Abac 5:19-31; Zek 12:11; 2 Abam 9:27; 23:29.Zibakoraniriza ahantu hitwa Haru‐Magedoni mu Giheburayo.
17 #
Yes 66:6. Uw’ indwi asuka urwavya rwiwe mu kirere. Ijwi rirenga riva mu rusengero kuri ya ntebe, rivuga, riti Karabaye. 18#Kuv 19:16; Dan 12:1; Ivyah 4:5; 8:5; 11:18.Habah’ imiravyo n’amajwi n’imituragaro, habaho no gutigita kw’isi guhambaye; nta gutigita kunganya n’ukwo ubuhambazi no gukomera kwigeze kubaho, uhereye ah’ abantu bākabereye kw isi. 19#Dan 4:30; Yes 51:17; Yer 25:15; Ivyah 14:10.Ca gisagara gihambaye kigabanywamwo gutatu, ibisagara vy’abanyamahanga birasenyuka. I Babuloni hahambaye hibukwa imbere y’Imana, ngo hahabge agakarabo ka vino y’uburake bgayo bg’inkazi. 20#Ivyah 6:14; 20:11.Ibizinga vyo mu kiyaga vyose birahunga, kand’ imisozi ntiyasubira kuboneka. 21#Kuv 9:23.Urubura ruhambaye, ibuye rimwe ryarwo ririvye nk’italanto#16:21 italanto irivye nk’ibilo mirongwitandatu., rukoragurikira ku bantu ruvuye mw ijuru: ico cago c’urubura gituma abantu barogota ku Mana, kukw icago carwo gikomeye cane.
Currently Selected:
Ivyahishuriwe Yohana 16: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967