Ivyahishuriwe Yohana 15
15
Yohana yerekwa ivy’ inzavya ndwi n’ivyago ndwi
1 #
Lew 26:21; Ivyah 6:17; 12:1; 11:18. Mbona ikindi kimenyetso mw ijuru gihambaye, gitangaza, abamarayika ndwi bafise ivyago ndwi, ni vyo vy’iherezo, kuko mur’ ivyo ari ho uburake bg’Imana buheraherezwa.
2 #
Ivyah 4:6; 13:15; 5:8. Mbona igisa n’ikiyaga c’ibirahuri kivanze n’umuriro; mbona abatabarutse banesheje ca gikōko n’igishushanyo caco n’igitigiri c’izina ryaco, bahagaze kur’ ico kiyaga c’ibirahuri, bafise inanga z’Imana. 3#Gus 32:4; Yos 14:7; Kuv 15:1, 11; 34:10; Zab 111:2; 139:14; 145:17; Yer 10:6, 7; Ivyah 5:9.Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bat’ Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga. 4#Zab 86:9; Mal 1:11.Ni nde atazogutinya ga Mwami, cank’ atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kukw amateka yawe agororotse aseruwe.
5 #
Kuv 40:34; Ivyah 11:19. Hanyuma y’ivyo mbona huguruka urusengero rw’ihema ry’Ibishinga intahe rwo mw ijuru, 6#Lew 26:21; Ezk 28:13.hasohoka ba bamarayika ndwi bava mur’ urwo rusengero bafise vya vyago ndwi, bambaye impuzu zera zitanduye, zikayangana, kandi bambaye imikanda y’izahabu mu gikiriza. 7#Ivyah 4:6-8; 14:10.Kimwe muri vya binyabugingo bine giha bano bamarayika ndwi inzavya ndwi z’izahabu, zuzuye uburake bg’Imana ibaho ibihe bitazoshira. 8#1 Abam 8:10; Yes 6:4; Ezk 44:4.Rwa rusengero rwuzura umwotsi uva mu bgiza bg’Imana no mu bushobozi bgayo, kandi nta washoboye kwinjira mur’ urwo rusengero, gushitsa aho vya vyago ndwi vy’abo bamarayika ndwi vyaheraherejwe.
Currently Selected:
Ivyahishuriwe Yohana 15: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967