Bible App logo
Search Icon

Ivyahishuriwe Yohana 15

15
Yohana yerekwa ivy’ inzavya ndwi n’ivyago ndwi
1 # Lew 26:21; Ivyah 6:17; 12:1; 11:18. Mbona ikindi kimenyetso mw ijuru gihambaye, gitangaza, abamarayika ndwi bafise ivyago ndwi, ni vyo vy’iherezo, kuko mur’ ivyo ari ho uburake bg’Imana buheraherezwa.
2 # Ivyah 4:6; 13:15; 5:8. Mbona igisa n’ikiyaga c’ibirahuri kivanze n’umuriro; mbona abatabarutse banesheje ca gikōko n’igishushanyo caco n’igitigiri c’izina ryaco, bahagaze kur’ ico kiyaga c’ibirahuri, bafise inanga z’Imana. 3#Gus 32:4; Yos 14:7; Kuv 15:1, 11; 34:10; Zab 111:2; 139:14; 145:17; Yer 10:6, 7; Ivyah 5:9.Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bat’ Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga. 4#Zab 86:9; Mal 1:11.Ni nde atazogutinya ga Mwami, cank’ atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kukw amateka yawe agororotse aseruwe.
5 # Kuv 40:34; Ivyah 11:19. Hanyuma y’ivyo mbona huguruka urusengero rw’ihema ry’Ibishinga intahe rwo mw ijuru, 6#Lew 26:21; Ezk 28:13.hasohoka ba bamarayika ndwi bava mur’ urwo rusengero bafise vya vyago ndwi, bambaye impuzu zera zitanduye, zikayangana, kandi bambaye imikanda y’izahabu mu gikiriza. 7#Ivyah 4:6-8; 14:10.Kimwe muri vya binyabugingo bine giha bano bamarayika ndwi inzavya ndwi z’izahabu, zuzuye uburake bg’Imana ibaho ibihe bitazoshira. 8#1 Abam 8:10; Yes 6:4; Ezk 44:4.Rwa rusengero rwuzura umwotsi uva mu bgiza bg’Imana no mu bushobozi bgayo, kandi nta washoboye kwinjira mur’ urwo rusengero, gushitsa aho vya vyago ndwi vy’abo bamarayika ndwi vyaheraherejwe.

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in