Bible App logo
Search Icon

Ivyahishuriwe Yohana 10

10
Ivy’ umumarayika w’inkomezi n’agatabo yar’ afise
1 # Ivyah 4:3; 5:2. Mbona umumarayika wundi w’inkomezi, amanuka ava mw ijuru, yambaye igicu, no mu mutwe yari yambaye umunywamazi, mu maso hiwe hasa n’izuba, amaguru yiwe asa n’inkingi z’umuriro. 2Yar’ afise mu minwe agatabo kazinguruye, ashinga ikirenge c’i buryo ku kiyaga, ic’i bumoso agishinga i musozi. 3#Yer 25:30; Hos 11:10; Am 1:2.Asemerera n’ijwi rirenga, nk’ukw intambge yivuga: asemereye, imituragaro ndwi ituragara amajwi yayo. 4#Dan 8:26; 12:4, 9.Kand’ imituragaro ndwi imaze kuvuga nariko ngira nandike. Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbarira, riti Matanisha ishashara udomemw’ ikimenyetso ivyo imituragaro ndwi ivuze, ntuvyandike. 5#Gus 32:40.Umumarayika nabonye ahagaze ku kiyaga n’i musozi, amanika ukuboko kw’i buryo, agutunga mw ijuru, 6#Ita 14:19, 22; Neh 9:6; Kuv 20:11; Zab 146:6; Ivyah 6:11; Dan 12:7.arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yaremye ijuru n’ibirimwo, n’isi n’ibirimwo, n’ikiyaga n’ibirimwo, ati Ntibigitevye: 7#Am 3:7; Dan 9:6, 10; Zek 1:6; Ivyak 3:21; Ivyah 11:15; 17:17.ariko mu misi y’ijwi ry’umumarayika w’indwi, ah’ azoba agira avuze inzamba, ni ho ibanga ry’Imana rizoba riheraherejwe, nk’uko yabariye abasavyi bayo ubutumwa bgiza, ni bo bavugishwa na yo.
8Rya jwi numvise rivuye mw ijuru nongera kuryumva rimbarira, riti Genda wābīre igitabo kizinguruye kiri mu kuboko kw’ umumarayika, ahagaze ku kiyaga n’i musozi. 9#Ezk 2:8; 3:1-3.Nja ah’ uwo mumarayika ari, ndamubgira kumpa ako gatabo. Arambarira, at’ Enda ugatsontsomere, karakururira mu nda, ariko mu kanwa karagusosera nk’ubūki. 10Nābīra ako gatabo, ngakūra mu kuboko kw’umumarayika, ndagatsontsomera; mu kanwa kansosera nk’ubūki; mmaze kukarya mu nda hacika umururazi. 11#Yer 1:10; 25:30; Dan 3:4; 7:14.Barambarira, bat’ Ukwiye kuzosubira kuvugishwa ivy’ amoko menshi n’amahanga menshi n’indimi nyinshi n’abami benshi.

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in