Nja ah’ uwo mumarayika ari, ndamubgira kumpa ako gatabo. Arambarira, at’ Enda ugatsontsomere, karakururira mu nda, ariko mu kanwa karagusosera nk’ubūki. Nābīra ako gatabo, ngakūra mu kuboko kw’umumarayika, ndagatsontsomera; mu kanwa kansosera nk’ubūki; mmaze kukarya mu nda hacika umururazi.