YouVersion Logo
Search Icon

Ab’i Filipi 3

3
Kwishimira ivy’ inyuma ku rukoba nta kimazi
1 # Flp 2:18; 4:4. Ibisigaye bene Data, munezererwe mu Mwami wacu. Kubandikira ben’ ivyo ntikundambira, kandi namwe kurabaremesha.
2 # Ivyah 22:15. Mwirinde za mbga, mwirinde za nkozi z’ibibi, mwirinde bamwe bīkebagura. 3#Rom 2:29.Kuko tweho tur’ abākebge, dusenga Imana mu buryo bga Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, ntitwishimire ivy’ umubiri; 4#2 Kor 11:18, 22.naho jewe nokwishimiye ivy’ umubiri. Hogira uwundi wese yokwiyumvira kwishimira ivy’ umubiri, nomurusha. 5#Ivyak 26:5; Luk 1:59; 2:21.Nakebge ku musi ugira umunani, nd’ uwo mu bgoko bga Isirayeli, nd’ uwo mu muryango wa Benyamini, mu Baheburayo nd’ Umuheburayo, ku vyo gushimikira ivyagezwe, nd’ Umufarisayo; 6ku vy’ ishaka nahama ishengero; ku vy’ ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe nta wobonye ic’ angaya.
Uko Paulo yakobeje ngw afatanye na Kristo
7 # Mat 13:44, 46. Arikw ivyahora bimbera inyungu ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe kubga Kristo 8Eka mbere n’ibintu vyose ndavyiyumvira kw ar’ ubuhombe, kubg’ ikibirengeye, ni co kumenya Kristo Yesu Umwami wanje. Kubg’ uwo nahomvye ibintu vyose, ndavyiyumvira kw ar’ ishano, kugira ngo ndonke Kristo, 9#Rom 3:21, 22.kandi mboneke ko ndi muri we, ntafise ukwanje kugororoka, kumwe kuva mu vyagezwe, ariko mfise kumwe kuzanwa no kwizera Kristo, ni kwo kugororoka kuva ku Mana, guhabga uwizeye, 10#Rom 6:3-5; 8:17; Gal 6:17.ngo ndamumenye, mmenye n’ubushobozi bg’ukuzuka kwiwe, n’ugufatanya na we imibabaro yiwe, nshushanywe n’urupfu rwiwe, 11#Ivyak 4:2; Ivyah 20:5, 6.ngo kumbure nshike ku kuzuka kw’abapfuye. 12#1 Tim 6:12; Ivyak 9:6.S’ukugira ngo mpejeje kubihabga, canke ngo mpejeje gutunganywa rwose, ariko ndabandanya kugira ngo mbone gufata kimwe catumye nanje ubganje mfatwa na Kristo Yesu. 13Bene Data, jeho kubganje sinibgira yuko mmaze kugifata, arikw ico nkora n’iki kimwe gusa, nibagira ibir’ inyuma, kandi nshingīra ibir’ imbere, 14#1 Kor 9:24.mbandaniriza gushika aho dutanguranirwa, ku mpēra y’umuhamagaro w’Imana muri Kristo Yesu wo kuja mw ijuru. 15#1 Kor 2:6.Nukw abatunganijwe uko tungana twiyumvire durtyo; kandi namba har’ ico mwiyumvira ukundi, Imana izokibahishurira na co. 16#Gal 6:16.Mugabo rero, ukuri dushitsemwo, abe ari kwo tugenderamwo.
Abansi b’umusaraba wa Kristo
17 # 1 Kor 11:1; 1 Tes 1:7; 1 Pet 5:3. Bene Data, munyigāne, mwitegereze abagenda batwīgāna, nk’uko mudufisekw icitegererezo. 18#1 Kor 1:23; Gal 6:12.Kuko benshi bagenda ukundi, abo nababgiye kenshi, na none ndabababgira ndira, yukw ar’ abansi b’umusaraba wa Kristo, 19#Rom 16:18.iherezo ryabo n’uguhona, imana yabo n’inda, biratana ibiteye isoni vyabo, ivy’ isi ni vyo bababaye. 20#Ef 2:6; Kol 3:1; Heb 12:22.Tweho i wacu ni mw ijuru, ni ho twiteze Umukiza kw azova, ni we Mwami Yesu Kristo, 21#1 Kor 15:43, 49, 53.azohindura imibiri y’ubufafara bgacu, ishushanywe n’umubiri w’ubgiza bgiwe, nk’ukw afise ubushobozi bumubashisha kwigandurira vyose.

Currently Selected:

Ab’i Filipi 3: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in