YouVersion Logo
Search Icon

Ab’i Filipi 4

4
Impanūro
1 # 2 Kor 1:14; 1 Tes 2:19, 20. Nuko rero, bene Data, abo nkunda mporanira igishika, mur’ umunezero wanje n’igitsibo nambaye, muhagarare mushikamye murtyo muri mu Mwami wacu, abo nkunda.
2Ndahanūra Ewodiya, ndahanūra na Sintike, ngo bahūrize imitima mu Mwami wacu. 3#Zab 69:28; Luk 10:20.Kandi nawe, ndakwinginga, uwo dufatanije igikorwa vy’ukuri, wame ufasha abo bagore, kuko bārwananye nanje mu kurwanira ubutumwa bgiza, bo na Kilementi n’abandi bāfatanya nanje, amazina yabo yanditswe mu gitabo c’ubugingo.
4 # Flp 3:1; 2 Kor 13:11. Mwame munezererwa mu Mwami wacu imisi yose; ndabivuze ubugira kabiri: ni munezerwe. 5#Heb 10:37; Yak 5:8, 9.Ubugwaneza bganyu bumenywe n’abantu bose; Umwami wacu ari hafi. 6#Mat 6:25-34; Kol 4:2; 1 Pet 5:7; Zab 145:18; Yoh 14:27.Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka. 7#Kol 3:15.Maz’ amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu
8 # Rom 12:17. Ibisigaye bene Data, ivy’ ukuri vyose, ivyo kwubahwa vyose, ibigororotse vyose, ibitānduye vyose, ivy’ igikundiro vyose, ibishimwa vyose, ni haba harih’ ingeso nziza, ni haba hariho gushimwa, abe ari vyo mwiyumvira. 9#1 Tes 5:23; Rom 16:20; 1 Kor 14:33.Ivyo mwize, ivyo mwākiriye, ivyo mwumvise, ivyo mwambonanye, abe ari vyo mukora: ni ho Imana Nyen’ amahoro izobana namwe.
Paulo akengurukira ab’i Filipi ivyo bāmugiriye
10Ariko ndanezererewe cane mu Mwami wacu kuk’ ubu mwahavuye mukongera kubabara ivyanje: kandi mwaranabibabara, ariko mukabura uburyo. 11#1 Tim 6:6.Simbivuze kubg’ ubukene, kuko nize kubumbga n’ivyo mfise uko ndi kose. 12#2 Kor 6:10.Nzi gucishwa bugufi, nzi no kugira umurengera; muri cose no muri vyose nātiwe ibanga ryo mu vyo guhāga no mu vyo gusonza, ryo mu vyo kugira umurengera no mu vyo gukena. 13#2 Kor 12:10; 2 Tim 4:17.Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi.
14Ariko mwagize neza, kuko mwafatanije nanje amarushwa. 15#2 Kor 11:9.Kandi yemwe Bafilipi, namwe n’ico muzi yuko mw itanguriro ry’ubutumwa bgiza, hamwe nava i Makedoniya, ata rindi shengero rya Kristo ryafatanije nanje mu vyo gutanga no guhabga, atari mwebge mwenyene. 16Kuko n’i Tesalonike na ho mwandungikiyeyo ivyo kummara ubukene si rimwe ni kabiri kose. 17#1 Kor 9:11.S’uko ndondera ingabire, ariko ndondera imbuto zigwiririkanya amaronko yanyu. 18#Kuv 29:18; Ezk 20:41; Flp 2:25.Ariko mfise ibinkwiye vyose, mfise umurengera: ndahāze, kuko mpāwe na Epafurodito ivyo mwarungitse, ar’ umubabge umota neza, ikimazi cemewe gihimbara Imana. 19Kand’ Imana yanje izobamara ubukene bganyu bgose, nk’ukw itunga ry’ubgiza ryayo riri ryo muri Kristo Yesu. 20Nukw icubahiro kibe ic’ Imana yacu, ni yo Data wa twese, ibihe bitazoshira. Amen.
Intasho
21Muntahirize abera bose bo muri Kristo Yesu. Bene Data turi kumwe barabatasha. 22#Flp 1:13.Abera bose barabatasha, cane‐cane abo mu rugo kwa Kayisari.
23Ubuntu bg’Umwami Yesu Kristo bubane n’imitima yanyu.

Currently Selected:

Ab’i Filipi 4: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in