Ab’i Filipi 2
2
Paulo abahanūra ngo bashire hamwe bicishije bugufi
1Nuko namba har’ ukuremeshwa muri Kristo, namba har’ ukwirurwa kuva mu rukundo, namba har’ ugusangira Mpwemu, namba har’ imbabazi n’ikigongwe, 2mwuzuze umunezero wanje muhwanije imitima, musangiye urukundo rumwe, muhūje umutima n’inama. 3#Gal 5:26; Rom 12:10.Ntimugire ico mukora kubgo gukēbana cank’ ukwifata uko mutari, ariko mwicishije bugufi, umuntu wese yiyumvire yuko mugenzi we amuruta, 4#1 Kor 10:24, 33.kand’ umuntu wese ntiyiyumvire ivyiwe gusa, ariko yiyumvire n’ivy’ abandi.
Uko Yesu yatubereye akarorero
5Mugire wa mutima muri mwebge wari muri Kristo Yesu. 6#Yoh 1:1, 2; 17:5; Ita 1:27; 3:5.Uwo, naho yar’ asanganywe ishusho y’Imana, ntiyiyumviriye yuko kuringanira n’Imana ar’ ikintu co kwumirako: 7#Yes 53:3; 2 Kor 8:9; Heb 2:14, 17.ariko yīsiga ubusa, yābīra ishusho y’umugurano, acika ūsa n’abantu. 8#Heb 12:2; 5:8; Yoh 10:17.Kand’ abonetse afise ishusho nk’iy’ umuntu, yicisha bugufi, araganduka no gushitsa ku rupfu, kand’ urupfu rwo ku musaraba. 9#Ivyak 2:33; Ef 1:21; Heb 1:3, 4.Ni co catumye Imana imushira hejuru cane, ikamuha rya zina rirengeye ayandi mazina yose: 10#Yes 45:23; Yoh 5:23; Ivyah 5:13.kugira ngw amavi yose az’ apfukame mw izina rya Yesu, ay’ ivyo mw ijuru n’ay’ ivyo kw isi n’ay’ ivy’ i kuzimu, 11kand’ indimi zose zize zature yuko Yesu Kristo ar’ Uhoraho, ngo biheshe Imana Data wa twese icubahiro.
Agakiza kabonekera mu ngeso z’umuntu
12 #
1 Pet 1:17; Zab 2:11. Nuko rer’ abo nkunda, nk’uko mwamye muganduka abe ari ko mushitsa agakiza kanyu, mutinya muhinda agashitsi, yamara s’iyo ndiho gusa, ariko n’ubu nyene naho ntar’ iyo ni murushirize. 13#Yoh 15:5; 2 Kor 3:5; 1 Tes 2:13.Kukw Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara.
14 #
1 Pet 4:9. Mukore vyose ata kwidodomba, ata guhārīra, 15#Mat 5:14; 10:16; Flp 1:10; Ef 5:8; Gus 32:5; Ivyak 2:40.kugira ngo ntimugire umugayo cank’ akarohe, mube abana b’Imana batagira agasembga, hagati y’ab’ iki gihe bagoramye b’ibidambidambi, abo mubonekeramwo nk’amatara mw isi, 16#1 Tes 2:19; Gal 2:2; Yes 49:4; 65:23.mwerekana ijambo ry’ubugingo; kugira ngo mbone ico nzokwirata ku musi wa Kristo, yuko ntirukiye ubusa kandi ntātamijwe n’ubusa. 17#Rom 15:16; 2 Tim 4:6.Arikw asangwa nkwiye gusukwa ku kimazi c’ukwizera kwanyu no kw ibango ryakwo, ndanezerwa, nnezeranwa namwe mwese: 18#Flp 3:1; 4:4.abe ari ko namwe munezerwa, munezeranwe nanje.
Ivya Timoteyo
19Ariko nizigijwe n’Umwami Yesu yuko nzobatumako Timoteyo vuba, kugira ngo nanje nze nshire umutima hamwe, ni namenya ivyanyu. 20#1 Kor 16:10.Simfise uwundi ari n’umutima nk’uw’ uwo, yobabara ivyanyu vy’ukuri. 21#2 Tim 4:10, 16; Gal 4:17.Kuko bose barondera ivyabo, batarondera ivya Yesu Kristo. 22Ariko murazi ingen’ uwo yagejejwe akarama, kandi yuko, nk’uk’ umwana amereranira na se, ari ko yakoranye nanje igikorwa co gukwiza ubutumwa bgiza. 23Nuk’ uwo ni we nizigiye yukw ari we nzoca mbatumako, aho nzomenyera ibizombako. 24#Flp 1:25.Ariko nizigijwe cane n’Umwami wacu yuko nanje nyene nzoza vuba.
Ivya Epafurodito
25 #
Flp 4:18. Kandi mbonye yukw ar’ igikwiye kubatumako Epafurodito, mwene Data dufatanije igikorwa n’intambara, ari we ntumwa yanyu inkorera ivyo nkennye; 26kukw abagirira igishika mwese, akarandurwa umutima n’uko mwumvise yuko yar’ arwaye. 27Kandi koko yari yararwaye ahakwa guhwera: arikw Imana imugirira imbabazi, kandi si we wenyene, ni jewe yazigiriye, kugira ng’umubabaro wanje ntiwongerekane. 28Ni co gitumye ngira umwete wo kumurungika, kugira ngo ni mwongera kumubona muze munezerwe, nanje ngabanuke umubabaro. 29#1 Kor 16:16; 1 Tim 5:17.Nuko mumwākīrane umunezero mwinshi kubg’ Umwami wacu; kand’ abameze nk’uwo mwame mububaha; 30kuko yagarukiye hafi yo gupfa kubg’ igikorwa ca Kristo, yahevye amagara yiwe, ngw ashikane ivyasigaye vyo kumfasha kwanyu.
Currently Selected:
Ab’i Filipi 2: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967