Bible App logo
Search Icon

Yakobo 3

3
Gufata ururimi
1 # Yak 1:19. Bene Data, muri mwebge ntihakabe benshi barondera kuba abigisha: murazi ko tuzocirwa urubanza ruruta iz’ abandi. 2#Yak 1:26.Kuko twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’ umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose. 3Iyo tujiginyitse amafarasi mu kanwa kayo, kugira ngw adukundire, duhindukiza n’imibiri yayo yose. 4Kandi rāba, n’amāto naho yoba maninimanini ate, agakubebga n’umuyaga uhuhuta cane, ingafe nah’ ari nto‐nto cane ni zo ziyerekeza, ah’ abayatumbereza bagomba. 5N’ururimi ni ko ruri: n’urugingo rutoya, rukirarira ibikomeye. Rāba ishamba, naho ryoba rinini rite, ridomekwa n’akariro gake. 6#Mat 15:11, 18, 19; 12:36, 37.Ururimi n’umuriro, n’ikibi kingana n’isi: ururimi rwashizwe mu ngingo zacu, ruhumanya umubiri wose, rudomeka ukubaho kwacu kwose, na rwo ruba rwadometswe na Gehinomu. 7Kukw amoko yose y’ibikōko n’ibiguruka n’ivyikwega n’ivyo mu kiyaga bigundwa n’abantu, kandi bārabigunze; 8#Zab 140:3.ariko, ururimi nta muntu yoshobora kurugunda: n’ububi bucambagirana, rwuzuye ubumara bgica. 9#Ita 1:27.Urwo ni rwo dushimisha Umwami Data wa twese, kandi ni rwo tuvumisha abantu, bāremwe mw ishusho y’Imana: 10mu kanwa kamwe havamw’ umuhezagiro n’umuvumo. Bene Data, ivyo ntibikwiye kumera birtyo. 11Mbeg’ iriba ryodudubiza amazi aryoshe n’ay’ umururazi mu mbizi imwe? 12Bene Data, mbeg’ umusukoni woshobora kwama elayo, cank’ umuzabibu wokwama insukoni? Ni kw amazi y’umunyu adashobora kuvamw’ ayaryoshe.
Itandukaniro ry’ubgenge bgo mw isi n’ubgo mw ijuru
13 # Yak 2:18; 1 Pet 2:12. Ni nde muri mwebge w’umunyabgenge kandi w’umuhanga? Ni yerekanishe ibikorwa vyiwe ingeso nziza mu bugwaneza bufatanije n’ubgenge. 14#Ef 4:31.Ariko namba mugira ishari ry’inkazi mu mitima yanyu, mugakunda kwirema ibice, mwoye kwirata, mubesha, mucumura ku kuri. 15#Yak 1:5, 17.Ubgo bgenge si bgo bgururuka buvuye mw ijuru, ariko n’ubg’ isi, n’ubg’ abantu, n’ubg’ abadayimoni. 16Kukw ah’ ishari riri, bo no kwirema ibice, ari ho umuvurungano uri, n’igikorwa kibi cose. 17#Heb 12:11.Arik’ ubgenge buva mw ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubg’ amahoro, burengenga, bukunda kugīrwa inama, bguzuye imbabazi n’imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya. 18#Yes 32:17; Mat 5:9.Kand’ imbuto zo kugororoka zibibga mu mahoro n’ababanguranya.

Currently Selected:

Yakobo 3: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in