Bible App logo
Search Icon

Yakobo 4

4
Ntiducudike n’isi
1Muri mwebge intambara ziva hehe, n’imitongano iva hehe? Mbega ntibiva mu bibahimbara birwanira mu ngingo zanyu?#Rom 7:23; 1 Pet 2:11. 2Murifuza, ariko ntimuhabga: murica, mugira ishari, ariko ntimushobora kuronka; murarwana muratabara. Ntimuhabga kuko mudasaba: 3murasaba ntimuhabge, kuko musaba nabi, kugira ngo muvyononere mu bibahimbara. 4Yemwe basambanyi, ntimuzi yuko gucudika n’isi ar’ ukwankana n’Imana? Nuk’ umuntu wese agomba kuba incuti y’isi aba yīgize umwansi w’Imana.#Luk 6:26; Rom 8:7; 1 Yoh 2:15. 5Canke mwiyumvira yukw ivyanditswe bivugira ubusa, ng’ Uwo Mpwemu yagererewe muri twebge atwikundiriza afuha?#Kuv 20:3, 5; Mat 6:24; Gal 5:17. 6Arikw itanga ubuntu burushirije. Ni co gituma ivuga, it’ Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu.#Imig 3:34; Yob 22:29; Mat 23:12; 1 Pet 5:5. 7Nuko mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga.#Ef 6:12; 1 Pet 5:8, 9. 8Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’ imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.#Zek 1:3; Yes 1:16. 9Mubabare, muboroge, murire; ibitwengo vyanyu bihinduke amaborogo, umunezero uhinduke umubabaro. 10Mwicishe bugufi imbere y’Umwami Imana, na yo izobashira hejuru.#1 Pet 5:6.
11Bene Data, ntimuvuganane nabi. Ūvuga nabi mwene Se, cank’ ūhinyurira mwene Se ku mutima, aba avuze nabi ivyagezwe, ni vyo aba ahinyuye. Arikw iy’ uhinyura ivyagezwe, ntuba uvyitondera, uba ubaye umucamanza wavyo. 12Ūshinga ivyagezwe, ari we mucamanza, n’Imwe gusa; ni yo ishobora kurokora no guhonnya: ariko wewe ur’ iki, uhinyura mugenzawe?#Mat 7:1; Rom 2:1; 14:4.
Nta wuzi ibizoba ejo
13Umve rero, yemwe abavuga ng’ Uyu musi cank’ ejo tuzoja mu gisagara c’i naka, tuzomaray’ umwaka, tudandaze, turonke inyungu:#Imig 27:1. 14ariko mutazi ibizoba ejo. Ubugingo bganyu ni nk’iki? Mur’ umwuka uboneka umwanya muto, ugahava uyongayonga.#Luk 12:20; Zab 39:5, 11. 15Ariko mwari mukwiye kuvuga, mut’ Umwami wacu ni yabikunda, tuzoramba, kandi tuzokora durtya canke durtya.#Ivyak 18:21. 16Yamara none mwirata ukwihayagiza kwanyu: ukwirata kwose ben’ ukwo ni kubi. 17Nuk’ ūzi gukora neza ntabikore, bimubera icaha.#Luk 12:47; Rom 14:23.

Currently Selected:

Yakobo 4: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in