Yakobo 2
2
Ukwirinda ivyo kurobanura abantu ku cubahiro
1 #
1 Kor 2:8. Bene Data, kwizera Umwami wacu Yesu Kristo w’ubgiza ntikubemwo kurobanura abantu ku cubahiro. 2#Heb 10:25.Mw isinagogi yanyu ni hinjiramw’ umuntu yambaye impeta y’izahabu n’impuzu zishajije, hakinjira n’umworo yambaye impuzu mbi y’ubuhoma, 3namwe mukitegereza uwambaye impuzu zishajije, mukamubarira, muti Ni wicare hano heza; kandi mukabarira nya mworo, muti Weho hagarara hariya, cank’ icara hambavu y’ibirenge vyanje; 4none se ntimuba mwisobanuye, mukaba abacamanza biyumvira ibibi? 5#1 Kor 1:26; Luk 12:21.Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda? 6Ariko mweho mwatētereje umworo. Non’ abatunzi si bo babatwaza amanyama, bakaba ari bo babakwega babajana mu manza? 7Si bo barogota kw izina ryiza mwitirirwa?
8 #
Lew 19:18. Mugabo namba mushitsa icagezwe c’i bgami nk’uko canditswe, ngo Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda, muba mugize neza. 9#Gus 1:17.Arikw iyo murobanuye abantu ku cubahiro, muba mukoze icaha, mutsinzwe n’ivyagezwe ko mubaye abanyabicumuro. 10#Mat 5:19.Kuk’ umuntu wese azokwitondera ivyagezwe vyose, agatsitara kuri kimwe, azoba acumuye kuri vyose. 11#Kuv 20:13, 14; Gus 5:17.Uwavuze, ati Ntugasambane, ni we yavuze, ati Ntukice. Nuko rero n’utasambana arik’ ukica, uzoba ucumuye ku vyagezwe. 12#Yak 1:25.Muvuge kandi mukore nk’abagira bacirwe urubanza n’ivyagezwe bizana umwidegemvyo. 13#Mat 5:7; 18:30, 34; 25:45, 46.Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.
Ivy’ ukwizera n’ibikorwa vyakwo
14 #
Mat 7:21; 21:29. Vyomara iki ga bene Data, namb’ umuntu avuga yukw afise ukwizera, ata bikorwa akora? Mbeg’ ukwo kwizera kwoshobora kumukiza? 15Ni haba hariho mwene Data uw’ ari we wese yoba yambaye ubusa, agenda aburanirwa ku vyo kurya, 16#1 Yoh 3:17.maz’ umwe muri mwebge akamubgira, ati Genda amahoro, ususuruke, uhāge; ariko ntimumuhe ivy’ umubiri ukena, vyomara iki? 17Ni ko bimeze, n’ukwizera kutari n’ibikorwa, kuri kwonyene, kuba gupfuye. 18#Gal 5:6.Nk’umuntu yovuga, ati Weho ufise ukwizera, jeho mfise ibikorwa: nyereka ukwizera kwawe kutagira ibikorwa, nanje ndakwereka ukwizera kwanje guserurwa n’ibikorwa vyanje. 19#Mrk 5:7.Wemera yukw Imana ar’ imwe. Ugize neza; abadayimoni na bo nyene baravyemera, bagahinda agashitsi. 20Ariko wa muntu w’imburakimazi we, mbeg’ ugomba kumenya ingen’ ukwizera kutagira ibikorwa ar’ ukw’ ubusa? 21#Ita 22:9, 10, 12.Aburahamu sogokuruza, mbega ntiyatsindanishirijwe n’ibikorwa, hamwe yar’ atanze kw ikimazi umwana wiwe Isaka ku gicaniro? 22#Heb 11:17.Ntubona yuk’ ukwizera kwafatanije n’ibikorwa vyiwe, kandi k’ukwizera kwahīngūwe rwose n’ibikorwa? 23#Yes 41:8; Ita 15:6; Rom 4:3; 2 Ngo 20:7.Kand’ icanditswe kirashika, kivuga ngo Aburahamu yizeye Imana, ibimuharūrako nk’ukugororoka; kandi yitwa umukunzi w’Imana. 24#Yoh 8:39; Rom 4:12.Murabona yukw ibikorwa ari vyo bitsindanishiriza umuntu, atar’ ukwizera kwonyene. 25#Heb 11:31; Yos 2:4, 15; 6:17.Kandi na Rahabu maraya ni ko vyabaye: mbega ntiyatsindanishirijwe n’ibikorwa kuko yahaye za ntumwa indāro, akazirangira iyindi nzira? 26#Yak 2:17.Nk’uk’ umubiri utarimw’ impwemu uba upfuye, ni k’ukwizera kutagira ibikorwa kumera, kuba gupfuye.
Currently Selected:
Yakobo 2: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967