1
Yakobo 3:17
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Arik’ ubgenge buva mw ijuru, irya mbere buratunganye, kandi n’ubg’ amahoro, burengenga, bukunda kugīrwa inama, bguzuye imbabazi n’imbuto nziza, ntibukekeranya, ntibugira uburyarya.
Compare
Explore Yakobo 3:17
2
Yakobo 3:13
Ni nde muri mwebge w’umunyabgenge kandi w’umuhanga? Ni yerekanishe ibikorwa vyiwe ingeso nziza mu bugwaneza bufatanije n’ubgenge.
Explore Yakobo 3:13
3
Yakobo 3:18
Kand’ imbuto zo kugororoka zibibga mu mahoro n’ababanguranya.
Explore Yakobo 3:18
4
Yakobo 3:16
Kukw ah’ ishari riri, bo no kwirema ibice, ari ho umuvurungano uri, n’igikorwa kibi cose.
Explore Yakobo 3:16
5
Yakobo 3:9-10
Urwo ni rwo dushimisha Umwami Data wa twese, kandi ni rwo tuvumisha abantu, bāremwe mw ishusho y’Imana: mu kanwa kamwe havamw’ umuhezagiro n’umuvumo. Bene Data, ivyo ntibikwiye kumera birtyo.
Explore Yakobo 3:9-10
6
Yakobo 3:6
Ururimi n’umuriro, n’ikibi kingana n’isi: ururimi rwashizwe mu ngingo zacu, ruhumanya umubiri wose, rudomeka ukubaho kwacu kwose, na rwo ruba rwadometswe na Gehinomu.
Explore Yakobo 3:6
7
Yakobo 3:8
ariko, ururimi nta muntu yoshobora kurugunda: n’ububi bucambagirana, rwuzuye ubumara bgica.
Explore Yakobo 3:8
8
Yakobo 3:1
Bene Data, muri mwebge ntihakabe benshi barondera kuba abigisha: murazi ko tuzocirwa urubanza ruruta iz’ abandi.
Explore Yakobo 3:1