Bible App logo
Search Icon

Yakobo 1

1
Ivy’ ukwizera n’ukwicisha bugufi
1 # 1 Pet 1:1; Ivyak 15:23. Yakobo, umugurano w’Imana n’uw’ Umwami Yesu Kristo, ndabandikiye abo mu miryango cumi n’ibiri y’abāsābagiye: muganuke.
2 # Rom 5:3-5; 1 Pet 1:6. Mwiyumvire kw ar’ ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe, 3#1 Pet 1:7.mumenye yukw ibigeza ukwizera kwanyu bitera ukwihangana. 4Arik’ ukwihangana gukwiye guhīngūra igikorwa cakwo, ngo mubone gutungana rwose muhīngūwe, mudahajije na kamwe.
5 # Imig 2:3-6. Arikw asangwa har’ uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga. 6#Mrk 11:24.Arikw asabe yizeye, ata co akekeranya, kuk’ ūkekeranya ameze nk’umupfunda wo mu kiyaga, utwarwa n’umuyaga, usimbaguritswa. 7Uyo muntu yoye kwiyumvira kw ari n’ic’ azohabga n’Umwami Imana, 8kukw ar’ umuntu w’imitima ibiri, adāguza mu nzira ziwe zose.
9 # Yak 2:5. Ariko, mwene Data w’umufafara ni yirate kw ashizwe hejuru, 10#1 Pet 1:24.umutunzi na we, ni yirate kw acishijwe bugufi, kukw azoyoka nk’amashurwe y’ivyatsi. 11#Yes 40:6, 7.Kukw izuba rirasa, rizanye indugumba, rikūmisha ivyatsi, amashurwe yavyo agahunguruka, ubgiza bg’ishusho yayo bugashira. Uko ni k’umutunzi azoyonga mu ngendo ziwe.
Ivy’ ukwihanganira ibigerageza
12 # Dan 12:12; 2 Tim 4:8; 1 Pet 5:4; 1 Kor 9:25; Ivyah 2:10. Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda. 13Umuntu ni yageragezwa gukora ibibi, yoye kuvuga ngw Imana ni yo ingerageje. Kukw Imana itageragezwa n’ibibi, kandi na yo nta we ibigerageresha. 14#Rom 7:7-10.Arik’ umuntu wese ageragezwa, iy’ akwezwe n’ivyo yifuza bikamusuka. 15Maz’ ukwo kwifuza gutwara inda, kukavyara icaha, icaha kimaze gukura kikavyara urupfu.
16Ntimuzimire, bene Data nkunda. 17#1 Yoh 1:5; Mat 7:11.Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico, adashobora guhinduka canke kugira igitūtu gitewe n’uguhindagurika. 18#Yoh 1:13; 1 Pet 1:23.Nk’uko yabigabiye ubgayo, yatuvyarishije ijambo ry’ukuri, kugira ngo tube nk’umushuzo w’ibiremwa vyayo.
Idini nyakuri
19 # Umus 7:9. Ivyo murabizi, bene Data nkunda. Yamar’ umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka: 20#Ef 4:26.kuk’ uburake bg’umuntu budakora ivy’ ukugororoka kw’Imana. 21#Kol 3:8; 1 Pet 2:1.Nuko rero, mwiyambure imyanda yose n’ububi busigaye, mwākīrane ubugwaneza ijambo ritewe muri mwebge, rishobora gukiza ubugingo bganyu. 22#Mat 7:26; Rom 2:13.Kandi mube abakora ivy’ iryo jambo, ntimube abaryumva gusa, mwibesha. 23Kuk’ uwumva iryo jambo ntarikore, ameze nk’umuntu yirābiye mu cirore mu maso hiwe yavukanye. 24Amaze kwirāba, akagenda, uwo mwanya agaca yiyibagira ukw asa. 25#Yak 2:12; Rom 8:2; Yoh 13:17.Ariko, uwitegereza ivyagezwe bitunganye rwose, ari vyo vy’umwidegemvyo, akabishishikara, atar’ uwumva akavyibagira, arikw ar’ ūbikora, ni we azohabga umugisha mu vy’ akora.
26 # Zab 34:13. Umuntu ni yigira ngo n’umunyedini, ntafate ururimi, arikw agahenda umutima wiwe, idini y’uyo izoba ar’ iy’ ubusa. 27Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’ isi.

Currently Selected:

Yakobo 1: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in