1
Yakobo 2:17
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Ni ko bimeze, n’ukwizera kutari n’ibikorwa, kuri kwonyene, kuba gupfuye.
Compare
Explore Yakobo 2:17
2
Yakobo 2:26
Nk’uk’ umubiri utarimw’ impwemu uba upfuye, ni k’ukwizera kutagira ibikorwa kumera, kuba gupfuye.
Explore Yakobo 2:26
3
Yakobo 2:14
Vyomara iki ga bene Data, namb’ umuntu avuga yukw afise ukwizera, ata bikorwa akora? Mbeg’ ukwo kwizera kwoshobora kumukiza?
Explore Yakobo 2:14
4
Yakobo 2:19
Wemera yukw Imana ar’ imwe. Ugize neza; abadayimoni na bo nyene baravyemera, bagahinda agashitsi.
Explore Yakobo 2:19
5
Yakobo 2:18
Nk’umuntu yovuga, ati Weho ufise ukwizera, jeho mfise ibikorwa: nyereka ukwizera kwawe kutagira ibikorwa, nanje ndakwereka ukwizera kwanje guserurwa n’ibikorwa vyanje.
Explore Yakobo 2:18
6
Yakobo 2:13
Kuk’ urubanza rutagirira akagongwe ūtāgize akagongwe. Ariko mu rubanza ikigongwe kiratsinda.
Explore Yakobo 2:13
7
Yakobo 2:24
Murabona yukw ibikorwa ari vyo bitsindanishiriza umuntu, atar’ ukwizera kwonyene.
Explore Yakobo 2:24
8
Yakobo 2:22
Ntubona yuk’ ukwizera kwafatanije n’ibikorwa vyiwe, kandi k’ukwizera kwahīngūwe rwose n’ibikorwa?
Explore Yakobo 2:22