1
Yakobo 1:2-3
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Mwiyumvire kw ar’ ivyo kunezererwa rwose, bene Data, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe, mumenye yukw ibigeza ukwizera kwanyu bitera ukwihangana.
Compare
Explore Yakobo 1:2-3
2
Yakobo 1:5
Arikw asangwa har’ uwo muri mwebge akennye ubgenge, n’abusabe Imana, igabira bose ata kinūbge, idaterana imirarwe, azobuhabga.
Explore Yakobo 1:5
3
Yakobo 1:19
Ivyo murabizi, bene Data nkunda. Yamar’ umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka
Explore Yakobo 1:19
4
Yakobo 1:4
Arik’ ukwihangana gukwiye guhīngūra igikorwa cakwo, ngo mubone gutungana rwose muhīngūwe, mudahajije na kamwe.
Explore Yakobo 1:4
5
Yakobo 1:22
Kandi mube abakora ivy’ iryo jambo, ntimube abaryumva gusa, mwibesha.
Explore Yakobo 1:22
6
Yakobo 1:12
Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda.
Explore Yakobo 1:12
7
Yakobo 1:17
Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico, adashobora guhinduka canke kugira igitūtu gitewe n’uguhindagurika.
Explore Yakobo 1:17
8
Yakobo 1:23-24
Kuk’ uwumva iryo jambo ntarikore, ameze nk’umuntu yirābiye mu cirore mu maso hiwe yavukanye. Amaze kwirāba, akagenda, uwo mwanya agaca yiyibagira ukw asa.
Explore Yakobo 1:23-24
9
Yakobo 1:27
Idini itunganye itagira agasembga imbere y’Imana Data wa twese, n’ukurāba impfuvyi n’abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n’ivy’ isi.
Explore Yakobo 1:27
10
Yakobo 1:13-14
Umuntu ni yageragezwa gukora ibibi, yoye kuvuga ngw Imana ni yo ingerageje. Kukw Imana itageragezwa n’ibibi, kandi na yo nta we ibigerageresha. Arik’ umuntu wese ageragezwa, iy’ akwezwe n’ivyo yifuza bikamusuka.
Explore Yakobo 1:13-14
11
Yakobo 1:9
Ariko, mwene Data w’umufafara ni yirate kw ashizwe hejuru
Explore Yakobo 1:9