Abaheburayo 13
13
Impanūro
1 #
Yoh 13:34; 2 Pet 1:7. Ugukunda bene Data ni kugumeho. 2#Rom 12:13; 1 Pet 4:9; Ita 18:3; 19:2, 3.Ntimwibagire kugirira neza abashitsi: kuko bamwe bāgize bartyo bāhaye indāro abamarayika batabizi. 3#Mat 25:36.Mwibuke ababoshwe nk’ababohanywe na bo: mwibuke n’abagirirwa nabi, kuko namwe muri mu mubiri. 4#Gal 5:19, 21; Ef 5:5.Umubano w’abābīranye ni wubahwe na bose, kand’ uburiri bgabo bgoye guhumanywa: kukw abashakanyi n’abasambanyi Imana izobacirakw iteka. 5#Gus 31:6, 8; Yos 1:5; 1 Tim 6:6.Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe; kuk’ ubgayo yavuze, iti Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta. 6Ni co gituma tuvuga dushize ubgoba,
tut’ Uhoraho n’umutabazi wanje, sinzotinya:
Non’ umuntu yoshobora kungira iki?#Zab 118:6.
Kugamburukira abaganza
7 #
1 Kor 4:16. Mwibuke abābaganza, bakababgira ijambo ry’Imana; mwitegereje iherezo ry’ingeso zabo, mwīgāne ukwizera kwabo. 8#1 Kor 3:11; Ivyah 1:17.Yesu Kristo uko yar’ ar’ ejo, n’uyu musi ni kw akiri, ni kw azokwama ibihe bidashira. 9#Ef 4:14; Rom 14:17; 2 Kor 1:21.Ntimutwarwe n’inyigisho z’uburyo bginshi zādutse; kukw iciza ar’ uk’ umutima ushikamizwa n’ubuntu bg’Imana, ntushikamizwe n’ivyo kurya, kukw abishize muri vyo bitābagiriye ikimazi. 10#Heb 8:4, 5.Dufise igicaniro, ico abakorera muri rya hema batemererwa kurīrako. 11#Lew 16:27.Kukw imivyimba ya vya bitungwa, ivyo umuherezi mukuru ajana amaraso yavyo ahēra kuba impongano y’ivyaha, ituririrwa inyuma y’insago. 12#Mat 21:39; Yoh 9:22.Ni co catumye na Yesu ababarizwa inyuma y’irembo, kugira ngo yezeshe abantu ayiwe maraso. 13#Heb 11:26; 12:2.Nuko tuve mur’ izo nsago, tumusange inyuma yazo, twiremētse ugucokorwa kwiwe. 14#Heb 11:10; 12:22.Kuko hano tutahafise igisagara kizokwamaho, ariko turondera ikizoza. 15#Lew 7:12; 2 Ngo 29:31; Zab 50:14, 23; Yes 57:19; Hos 14:2.Nuko na ntaryo twame duha Imana ikimazi co gukenguruka tubiheshwa n’uyo, ni co mbuto z’iminwa ishima izina ryayo. 16#Flp 4:18.Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire, kukw ibimazi bimeze birtyo ari vyo bihimbara Imana.
17 #
1 Tes 5:12; Ezk 3:17. Mwumvire ababaganza, mubagamburukire: kukw ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk’abazobibazwa; mugenze murtyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze birtyo ata co vyomarira mwebge.
Amajambo yo guherezako
18 #
2 Kor 1:12; Ivyak 24:16. Mudusengere, kuko tuzi tudakekeranya ko turi n’imitima itarimw’ ijwi ritwagiriza ikibi, tugomba kugira ingeso nziza muri vyose. 19Kandi ndabinginga nshimitse ngo mudusengere, kugira ngo ntebutswe kubagarukanirwa vuba.
20 #
Yes 63:11; 55:3; Zek 9:11; Yer 32:40; Ezk 37:26; Yoh 10:11; 1 Pet 2:25. Imana Nyen’ amahoro, imwe yakūra Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w’intama, imukūjey’ amaraso y’isezerano ry’ibihe bidashira, 21ibe ari yo ibatunganya rwose mu ciza cose, kugira ngo mukore ivy’ igomba, ikorera muri twebge ibishimwa mu nyonga zayo, kubga Yesu Kristo: icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amen.
22 #
Yak 1:21. Ariko bene Data, ndabahanūra, mwihanganire iri jambo ribahanūra, kuko mbandikiye amajambo make. 23Mumenye yuko mwene Data Timoteyo yarekuwe: ni yaza vuba tuzobonana namwe.
24Muntahirize ababaganza bose, bo n’abera bose. Abo muri Italiya barabatasha.
25Ubuntu bubane namwe mwese. Amen.
Currently Selected:
Abaheburayo 13: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967