Abaheburayo 7
7
Yesu n’umuherezi mukuru mu buryo bga Melekisedeki
1 #
Ita 14:17-20. Melekisedeki uyo, umwami w’i Salemu, umuherezi w’Imana isumba vyose, ni we yasanganiye Aburahamu, aramuhezagira, hamwe Aburahamu yatabaruka, avuye kunesha abami, 2kandi ni we Aburahamu yagabanirije ikigiracumi muri vyose, irya mbere asobanurwa, ng’ Umwami agororoka, kand’ irya kabiri yitwa Umwami w’i Salemu, risobanurwa, ng’ Umwami w’amahoro. 3#Zab 110:4.Nta se, nta nyina, nta karonda, nta tanguriro ry’imisi cank’ iherezo ry’ubugingo, arikw agereranywa n’Umwana w’Imana, kandi na ntaryo ahora ar’ umuherezi.
4Nuko mwiyumvire uwo muntu ingen’ ahambaye, uwo Aburahamu sogokuruza mukuru yahaye ikigiracumi co mu minyago iruta iyindi. 5#Guh 18:21.Kandi mu bana ba Lewi, ivyagezwe bigera yukw abahawe ubuherezi batangisha abantu ikigiracumi, ni bo bene wabo, nah’ abo bandurutse mu rura rwa Aburahamu. 6Ariko wa wundi adaharūrwa mu muryango wabo yatangishije Aburahamu ikigiracumi, kand’ ahezagira nyene gusezeranywa. 7Ariko nta wohakana k’uworoshe adahezagirwa n’ūmurengeye. 8Kandi muri twebge, abantu bapfa ni bo bahabga ikigiracumi, ariko muri ya majambo yandi cahawe ūshingirwa intahe kw ariho. 9Kandi twoshobora kuvuga yuko Lewi, umwe ahabga ikigiracumi, na we yari yaragitanze muri Aburahamu, 10kuko yar’ akiri mu rura rwa sekuruza, hamwe Melekisedeki yamusanganira.
Ubuherezi bga Yesu buruta ubg’ Abayuda
11Non’ iyaba gutunganywa rwose kwāzanywe n’ubuherezi bg’Abalewi — kuko ku ngoma yabgo ari ho ubgo bgoko bgāhawe ivyagezwe — n’iki catumye bigikwiye ko haboneka uwundi muherezi wo mu buryo bga Melekisedeki, atavugwa mu buryo bga Aroni? 12Iy’ ubuherezi buhindutse, ivyagezwe ntibibura guhinduka na vyo. 13Kuk’ uwavuzwekw ivyo, ar’ uwo mu wundi muryango, utigeze kuvamw’ uwakoze igikorwa co ku gicaniro. 14#Ita 49:10; Yes 11:1.Birazwi yuk’ Umwami wacu yakomotse kuri Yuda, kand’ uwo muryango Mose nta co yawuvuzeko c’ubuherezi.
15Ivyo birushiriza guseruka rwose, ko haboneka uwundi muherezi, ahwanye na Melekisedeki, 16atāhawe ubuherezi n’uko vyashinzweho n’ivyagezwe vyo mu buryo bg’abantu, ariko yahawe ubushinzwe n’ubushobozi bg’ubugingo budashobora gukūrwaho. 17Kukw ashingirwa intahe,
ng’ Ur’ umuherezi ibihe bidashira,
Mu buryo bga Melekisedeki.#Heb 5:6.
18Nuko rer’ icagezwe ca mbere cakūweho kubg’ inkomezi nke zaco n’ikimazi gike, 19#Heb 9:9.(kukw ivyagezwe bitigeze kugira ico bihīngūra rwose) hasubizwah’ ivyizigiro bikiruta, biduhesha kwegera Imana. 20Kand’ ivyo ntivyabaye hatarih’ indahiro. 21Abalewi bo bāhawe ubuherezi ata ndahiro; arikw iyabuhaye uyo yararahiye, imubgiye,
it’ Uhoraho ararahiye, ntazokwicuza,
At’ Ur’ umuherezi ibihe bidashira.
22 #
Heb 8:6; 12:24. Uko ni ko Yesu yabaye umwishinzi w’isezerano riruta rya rindi.
23Kandi ba bandi bābaye abaherezi benshi, kuk’ urupfu rubabuza kwamaho; 24arik’ uyo we, kuko yamah’ ibihe bidashira, afise ubuherezi budakūrwaho. 25#Rom 8:34; 1 Yoh 2:1.Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.
26 #
Heb 4:14. Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru, 27#Lew 16:6, 15.atarinda kubanza gutanga ibimazi vy’ivyiwe vyaha uko bukeye, nka ba baherezi bakuru bandi, hanyuma agatanga ivy’ abandi bantu. Kukw ivyo yabikoze rimwe, hamwe yitanga. 28#Heb 5:1, 2.Ivyagezwe bishirah’ abanyantege nke kuba abaherezi bakuru, arikw ijambo ry’indahiro yaherukiye ivyagezwe rishirah’ Umwana w’Imana yahīngūwe rwose gushitsa ibihe bidashira.
Currently Selected:
Abaheburayo 7: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967