Abaheburayo 8
8
1 #
Heb 4:14. Mu yo tuvuga, yose arutwa na rimwe, n’iri: dufise umuherezi mukuru ameze artyo, avyagiye i buryo bg’intebe y’Īhambaye cane yo mw ijuru, 2akorera ahēra, no mw ihema nyakuri, ryashinzwe n’Uhoraho atar’ abantu. 3Kuk’ umuherezi mukuru wese ashirirwaho gushikana amashikanwa no gucumita ibimazi. Ni co gituma wa wundi na we akwiye kugira ic’ ashikana. 4Iyaba ari mw isi ntiyobaye umuherezi, kuko har’ abandi bashikana amashikanwa nk’ukw ivyagezwe bibgiriza. 5#Kol 2:17; Kuv 25:40.Kand’ abo bakorera igishushanyo n’igitūtu c’ivyo mw ijuru, nk’uko Mose yabgiwe n’Imana, agira akoreshe rya hema, it’ Ugire umwete wo gukoresha vyose, ubigereranye n’ikigereranyo werekewe kuri wa musozi. 6#Heb 7:22; 12:24; 2 Kor 3:6.Ariko none, igikorwa yahawe kirusha icabo kuba ciza, nk’ukw ar’ umuhūza w’isezerano riruta iryabo, kuko ryashizweho n’ivyasezeranywe biruta ivy’ iryabo.
Isezerano risha riruta irya kera
7Iyo rya rindi rya mbere ritabakw agasembga, ntihari hakwiye kuronderwa irindi. 8Kuko yavuze ibagaya,
it’ Eh’ imisi igira ize, ni jewe Uhoraho mbivuze,
Aho nzosezerana isezerano risha n’umuryango w’Abisirayeli n’umuryango wa Yuda,#Yer 31:31-34; Heb 10:16, 17.
9 #
Kuv 19:5, 6. Ridahwanye n’isezerano nasezeranye na ba sekuruza,
Ku musi nabafata ukuboko nkabakūra mu gihugu ca Egiputa,
Kuko batāgumye mw isezerano ryanje,
Nanje sinabababara, ni jewe Uhoraho mbivuze.
10Kukw iri ari ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli
Hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze:
Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bgenge bgabo,
No ku mitima yabo kandi ni ho nzovyandika,
Nanje nzobabera Imana,
Na bo bazoba abantu banje.
11Kandi ntibazokwigishanya, ng’ umuntu wese yigishe mugenzi we,
Canke ngo yigishe uwo bavukana, ati Menya Uhoraho,
Kuko bose bazonyimenyera,
Uhereye kuri nyarucari ugashitsa k’ūhambaye muri bo.
12Kuko nzobagirira ikigongwe ku kugabitanya kwabo,
Kand’ ivyaha vyabo sinzovyibuka ukundi.
13 #
Rom 10:4. Kw avuga, at’ Isezerano risha, rer’ irya mbere yarishājishije; arikw igisāza kikaba akāheze kiba kigira gikamangane.
Currently Selected:
Abaheburayo 8: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967