Bible App logo
Search Icon

Abaheburayo 6

6
1 # Heb 9:14. Nuko rero turēngāne ivya mbere vya Kristo, twīgire imbere, dushike ku vyo gutunganywa rwose, twoye gusubira gushirah’ itanguriro ryo kwihana ibikorwa vy’impfagusa, no kwizera Imana, 2no kwigisha ivyo kubatizwa n’ivyo kurambikwakw ibiganza, n’ivyo kuzuka kw’abapfuye, n’ivyo gucirwakw iteka kw’ibihe bidashira. 3Imana ni yabikunda turagenza durtyo. 4#Heb 10:26, 27; Mat 12:31; 1 Yoh 5:16.Kukw abamaze kwākirwa n’umuco, bagatamira ingabire iva mw ijuru, bagasangira Mpwemu Yera, 5#1 Pet 2:3.bagatamira ijambo ryiza ry’Imana, n’ububasha bgo mu gihe kizoza, 6maze bakagwa bakabivamwo, ntibishoboka gusubira kubahindura basha ngo bihane: kuko bongera kwibambira Umwana w’Imana, bakamutēterereza ahibonekeza. 7#Ita 1:11, 12.Indimiro zinyoye imvura yaziguyeko kenshi, iyo zimezemw’ ibirimwa bikwiye abazirimiwe, zironka umugisha w’Imana. 8#Ita 3:17, 18.Arikw iyo zimezemw’ imikere n’ibitovu, ziba zisivye, ziba zishigaje gatoya zikavumwa, iherezo ryazo n’uguturirwa.
9Ariko, abo nkunda, naho tuvuze durtyo, turazi ivyanyu tudakekeranya yuko birusha ivyo kuba vyiza, kandi bizanana n’agakiza. 10#Heb 10:32-34.Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze. 11#Heb 3:14; Flp 1:6.Kandi turagomba cane yuk’ umuntu wese wo muri mwebge yerekana uwo mwete nyene w’ivyizigiro vyuzuye gushitsa kw iherezo: 12kugira ngo ntimube ibinebge, ariko mwīgāne abaheshwa n’ukwizera n’ukwihangana kuragwa ivyasezeranywe.
Amasezerano y’Imana atera ivyizigiro
13 # Ita 22:16, 17. Hamwe Imana yasezeranira Aburahamu isezerano, kukw ata we yogira indahiro ayiruta, yarīrahiye, 14it’ Eka no kuguha umugisha nzowuguha, kandi no kukugwiza nzokugwiza. 15Ni ko vyamubereye: amaze kwihangana ahabga ivyasezeranywe. 16#Kuv 22:10.Kukw abantu bagira indahiro ūbaruta, no mu mpāri zabo zose indahiro irengeje ikaba ari yo iziheraheza. 17Ni co catumye Imana, kukw igomba kurushiriza kwereka abaragwa b’ivyasezeranywe ingen’ imigabo yayo idahinduka, ishira hagati indahiro kuba umuhūza; 18#Guh 23:19; 1 Sam 15:29.kugira ngo bibiri bidahinduka, ivyo Imana itabasha kubesheramwo, biduheshe kurema cane, twebge abashitse mu buhungiro, ni bgo kubangiriza ivyizigiro vyashizwe imbere yacu. 19#Lew 16:2, 12.Ivyo vyizigiro tubifise nk’ikizirika umutima kigumye, gikomeye, cinjira hirya y’igihūzu gikīngiriye ahēra cane, 20#Heb 5:6.aho Yesu yatwinjiriye, atwitangiye imbere, amaze guhinduka umuherezi mukuru w’ibihe bidashira mu buryo bga Melekisedeki.

Currently Selected:

Abaheburayo 6: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in