Bible App logo
Search Icon

Abaheburayo 4

4
Uburuhukiro bg’isabato bubīkiwe abantu b’Imana
1 # Zab 95:11. Nuko, kukw isezerano ryo gushika mu buruhukiro bgayo rikiriho, twiyubare kugira ngo kumbure ntihagire uwo muri mwebge yiyumvirwa kw akērerewe. 2Kuko natwe twabgiwe ubutumwa bgiza nka bo, ariko, ijambo bumvise ntiryābagiriye ikimazi, kuko ritāvanzwe n’ukwizera mu mitima y’abāryumvise. 3Kuko twebge abizeye dushika mur’ ubgo buruhukiro, nk’uko yavuze,
iti Nk’uko narahiranye uburake bganje,
Nti Ntibazoshika mu buruhukiro bganje:
naho yari yarahejeje ibikorwa vyayo, uhereye ku kuremwa kw’ isi. 4#Ita 2:2.Kuko har’ aho yavuze ku vy’ umusi w’indwi nk’ibi, it’ Imana yaruhutse ku musi ugira indwi ibikorwa vyayo vyose. 5Kandi na hano,
ngo Ntibazoshika mu buruhukiro bganje.
6Nuko rero, kuko bukibīkiwe bamwe ngo babushikemwo, arikw abābanje kubgirwa ubutumwa bgiza bābujijwe kubushikamwo no kutumvira Imana, 7yongera gutoranya umusi, ni wo uyu musi; ivugira mu kanwa ka Dawidi, igihe kirekire cane gihise, nk’uko tumaze kuvuga,
it’ Uyu musi aho mwumvira ijwi ryayo
Ntimukomantaze imitima yanyu.
8 # Gus 31:7; Yos 22:4. Kukw iyaba Yosuwa yarabaruhuye, ntiba yaravuze ubga nyuma ivy’ uwundi musi. 9Nuko rero haracarih’ uburuhukiro bg’isabato bubīkiwe abantu b’Imana. 10#Ivyah 14:13.Kuk’ ūshitse mu buruhukiro bgayo, na we aba aruhutse ibikorwa vyiwe, nk’ukw Imana yaruhutse ivyayo.
11Nuko tugire umwete wo gushika mur’ ubgo buruhukiro, hoye kugira umuntu agwa, akurikiye icitegererezo ca ba bandi co kutumvira Imana. 12#Yer 23:29; Yes 49:2; Ef 6:17; Yoh 12:48; Ivyah 19:15.Kukw ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’ inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira. 13Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.
Uko Yesu, umuherezi mukuru, aruta Aroni
14 # Heb 3:1; 6:20; 7:26; 8:1; 9:11. Nuko, ko dufise umuherezi mukuru akomeye, yaciye mw ijuru, ni Yesu Umwana w’Imana, tubangirize ivyo twizera tukavyatura. 15#Heb 2:17.Kuk’ umuherezi mukuru dufise, atar’ ūdashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko n’uwageragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze. 16#1 Yoh 3:21; Rom 3:25.Nuko ni twēgēre intebe y’ubuntu dushize ubgoba, kugira ngo turonke ikigongwe, tubone ubuntu bgo kudutabara mu gihe gikwiye.

Currently Selected:

Abaheburayo 4: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in