Abaheburayo 3
3
Uko Kristo aruta Mose
1 #
Heb 4:14. Nuko rero, bene Data bera, abasangiye ihamagarwa riva mw ijuru, ni mwitegereze Yesu, intumwa n’umuherezi mukuru w’ivyo twizeye tukavyatura, 2#Guh 12:7.ayobokera iyamutoranije, nk’uko Mose yayoboka mu rugo rwayo hose. 3Kuk’ uyo yiyumviriwe kw akwiye guhabga icubahiro kiruta ica Mose, nk’ukw ishimwe ry’uwubatse urugo riruta iry’ urugo. 4Kuk’ urugo rwose rugira ūrwubaka, arikw Imana ni yo yubatse ibintu vyose. 5#Guh 12:7.Kandi Mose yayoboka mu rugo rwayo hose nk’umushumba, kugira ngw abe icabona co gushingira intahe ibizovugwa hanyuma. 6#Ef 2:19; Kol 1:23.Ariko Kristo ayoboka nk’Umwana, atwara urugo rwayo. Kand’ urugo rwayo ni twebge, namba tubangirije ubushizi bg’amanga n’ukwirata ivyizigiro vyacu rwose, gushitsa kw iherezo.
7Nuko, nk’uko Mpwemu Yera avuga,
at’ Uyu musi aho mwumvira ijwi ryayo,#Zab 95:7-11.
8 #
Kuv 17:7; Guh 20:2-5. Ntimukomantaze imitima yanyu, nk’uko mwayikomantaje mu gihe co kuratsa,
Kuri wa musi wo kugerageza mu bugaragwa,
9Aho ba sogokuruza banyu bangeragereje bancaca,
Bakabona ibikorwa vyanje imyaka mirongwine.
10Ni co catumye ngirira umwikomo ab’ ico gihe,
Nkavuga, nti Bama bazimira mu mitima yabo,
Kandi ntibamenya inzira zanje;
11 #
Guh 14:21-23. Nk’uko narahiranye uburake bganje,
Nti Ntibazoshika mu buruhukiro bganje.
Uko dukwiye kubangiriza ivyizigiro gushitsa kw iherezo
12Bene Data, ni mwirinde, ntihagire uwo muri mwebge agira umutima mubi utizera, umutera kureka Imana nzima. 13#1 Tes 5:11.Ariko muhanūrane uko bukeye bicitwa uyu musi, ntihagire uwo muri mwebge akomantazwa umutima n’uruhendo rw’icaha. 14#Heb 6:11; 11:1.Kuko twacitse abasangiye Kristo, namba tubangirije rwose ivyizigiro vyacu twatanguranye gushitsa kw iherezo: 15bikivugwa,
ng’ Uyu musi aho mwumvira ijwi ryayo,
Ntimukomantaze imitima yanyu, nk’uko mwayikomantaje mu gihe co kuratsa.#Zab 95:8.
16 #
Kuv 17:1. Ni ba nde bamaze kwumva bakayiratsa? Mbega s’abāvuye muri Egiputa bose, barōngōwe na Mose? 17#Guh 14:29; 1 Kor 10:10.Kandi ni ba nde yagiriye umwikomo imyaka mirongwine? S’abācumuye, imivyimba yabo igahindikirana mu bugaragwa? 18#Guh 14:22, 23.Ni ba nde yarahiye ko batazoshika mu buruhukiro bgayo? S’abatāyumviye? 19Kandi tubona ko batāshoboye kubushikamwo, kuko batizeye.
Currently Selected:
Abaheburayo 3: RUN1967
Highlight
Copy
Compare
Share
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967