1
Abaheburayo 4:12
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
RUN1967
Kukw ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubg’ inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.
Compare
Explore Abaheburayo 4:12
2
Abaheburayo 4:16
Nuko ni twēgēre intebe y’ubuntu dushize ubgoba, kugira ngo turonke ikigongwe, tubone ubuntu bgo kudutabara mu gihe gikwiye.
Explore Abaheburayo 4:16
3
Abaheburayo 4:15
Kuk’ umuherezi mukuru dufise, atar’ ūdashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko n’uwageragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze.
Explore Abaheburayo 4:15
4
Abaheburayo 4:13
Kand’ imbere yayo nta caremwe gihishijwe, ariko vyose vyambaye ubusa, biragaragara, imbere y’inyonga z’Iyizotubaza ivyo twakoze.
Explore Abaheburayo 4:13
5
Abaheburayo 4:14
Nuko, ko dufise umuherezi mukuru akomeye, yaciye mw ijuru, ni Yesu Umwana w’Imana, tubangirize ivyo twizera tukavyatura.
Explore Abaheburayo 4:14
6
Abaheburayo 4:11
Nuko tugire umwete wo gushika mur’ ubgo buruhukiro, hoye kugira umuntu agwa, akurikiye icitegererezo ca ba bandi co kutumvira Imana.
Explore Abaheburayo 4:11