Bible App logo
Search Icon

Abaheburayo 5

5
1Umuherezi wese mukuru, kuko yarobanuwe mu bantu, ashirirwaho gukorera Imana kubg’ abantu, kugira ngw ashikane amashikanwa, atange ibimazi, vyompi vy’ivyaha; 2#Heb 4:15.kand’ ashobora kwihanganira inyoberwa n’abazimiye, kuko na we nyene har’ ah’ agira intege nke. 3#Lew 9:7; 16:6.Ni co gituma akwiye no kwitangira ibimazi vy’ivyiwe vyaha, nk’ukw abitangira abandi bantu. 4#Kuv 28:1.Nta muntu yiha ico cubahiro, shit’ ahamagawe n’Imana, nk’uko Aroni yahamagawe. 5Ni ko biri, na Kristo si we yihaye ico cubahiro co kuba umuherezi mukuru, ariko yagihawe n’iyamubariye,
it’ Ur’ Ubura bganje,
Uyu musi ndakuvyaye.#Zab 2:7; Ivyak 13:33.
6Nk’uko yavuze ahandi,
it’ Ur’ umuherezi ibihe bidashira,
Mu buryo bga Melekisedeki.#Heb 7:1; Zab 110:4.
7 # Mat 26:39-46. Kristo mu misi yabaye mu mubiri, amaze kwinginga no gusenga cane iyashoboye kumukiza urupfu, atakamba cane arira, kand’ amaze kwumvirwa kubgo kuyubaha kwiwe, 8#Flp 2:8.naho yar’ Umwana, yigishwa kwumvira Imana n’ivyo yababajwe, 9#Yes 45:17; Yoh 17:1, 5.kand’ amaze guhīngūrwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira: 10Imana imaze kumwita umuherezi mukuru mu buryo bga Melekisedeki.
Ukw Abakristo bakwiye gukura mu vy’Imana
11Tumufiseko vyinshi vyo kuvuga, kandi bigoye isobanura, kuko mwabaye ibitumva. 12#1 Kor 3:1-3; 1 Pet 2:2.Naho mwari mugeze kuba abigisha, kuko mumaze igihe kirekire mwiga, mukwiye kwongera kwigishwa namwe nyene ivya mbere vy’itanguriro ry’ivyavuzwe n’Imana: kandi mwahindutse abakwiye gutungwa n’amata, s’ukugaburirwa ivyo kurya bigumye. 13#Ef 4:14.Nuk’ ūtunzwe n’amata aba ataramenya ijambo ry’ukugororoka, kukw aba ar’ uruhinja. 14#Flp 1:10; Rom 16:19; Ita 2:17.Ariko, ivyo kurya bigumye n’ivy’ abakuze, bafise ubgenge, maze kubgo kwama babukoresha, bumogorera gutandukanya ikibi n’iciza.

Currently Selected:

Abaheburayo 5: RUN1967

Highlight

Copy

Compare

Share

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in